Uko wahagera

Burundi: Inama y'i Dar Es Salaam Yimuriwe mu kwa Cyenda - 2004-08-11


Inama y'abakuru b'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini ku Burundi yarigijwe mu ntango z'ukwezi kw'icenda mu mwaka w'ibihumbi bibiri na kane. Iryo sango rishasha ryamenyeshejwe n'ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu ku musi wa kabiri.

Umukuru w'ico gihugu, Yoweri Museveni, ari na we arongoye akigoro k'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini ku bijanye n'Uburundi, yari yamenyesheje ubwa mbere y'uko iyo nama yobaye ku magenekerezo ya 11 na 12 muri uku kwezi.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi vyari vyamaze kumenyesha ku musi wa mbere y'uko iyo nama yigijwe kw'igenekerezo ritaramenyekana.

Imvo z'ico kirangamisi gishasha yavuye kuko icegera c'umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, ari na we muhuza mukuru mu biganiro vyo guhagarika ingwano mu Burundi, yari kuba afatiriwe n'ayandi mabanga muri ino ndwi, nk'uko vyamenyeshejwe n'umwe mu bategetsi bakuru bo mu bushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Julius Onen.

Twibutse y'uko iyo nama izobera i Dar Es Salaam muri Tanzania igamije ukwemeza ivyapfunditswe mu masezerano yo kugabangana ubutegetsi hagati y'Abahutu n'Abatutsi yabereye mu ndwi iheze i Pretoria muri Afrika y'Epfo. Iyo nama itegerezwa kandi kwemeza ikirangamisi c'amatora ategekanijwe ku wa 31 gitugutu muri uno mwaka.

Imbere y'iyo tariki Uburundi butegerezwa gutegekanya amatora ku rwego rw'amakomine, hamwe n'ay'abashingamateka nk'uko amasezerano yabereye i Arusha mu mwaka w'2000 abivuga.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG