Uko wahagera

Burundi: Inama yo Gushyigikira Amasezerano y'i Pretoria Yasubitswe - 2004-08-09


Amashirahamwe n'ibihugu bifise uruhara mu mugambi w'amahoro mu Burundi vyari vyaratumiwe i Dar Es Salaam ngo vyitabe ku ma genekerezo ya 11 na 12 muri uku kwezi inama yerekeye Uburundi. Tumaze kumenya ariko ko iyo nama yasubitswe kugeza igihe kitaramenyekana.

Iyo nama yari yatumweko n'umukuru w'igihugu ca Uganda akongera akaba ari we arongoye akigoro ko muri kano karere mu bijanye n'Uburundi, Yoweri Museveni, ni iyo kwemeza amasezerano yo kugabangana ubutegetsi aherutse kubera i Pretoria muri Afrika y'Epfo no gusubira kwemeza ibikorwa vy'amatora n'ikirangamisi cayo.

Ayo masezerano yabaye ku musi wa gatanu w'iyi ndwi yaraye irangiye ategekanya ukuringaniza ibibanza vy'ubutegetsi hagati y'abahutu n'abatutsi mu ntumbero y'uko muri kazoza ata ntambara zifatiye ku moko zosubira kwaduka. Ayo masezerano kandi ategerezwa gufasha mu guheraheza iyandikwa ry'ibwirizwa shingiro rishasha rizogenga igihugu mu nyuma y'intwaro mfatakibanza.

Amasezerano y'amahoro y'i Arusha ategekanya y'uko ico kiringo corangira kw'igenekerezo rya mbere munyonyo, ari naho hategekanijwe amatora mu gihugu cose. Amasezerano y'amahoro yaterewe ko ibikumu i Pretoriya ku wa gatanu w'indwi iheze, ategekanya itorwa ry'umukuru w'igihugu, nawe agaheza akagena ivyegera vyiwe bibiri bitava mu bwoko canke umugambwe vyiwe. Ayo matora kandi avuga y'uko inama nshikiranganji hamwe n'inama nshingamateka zizojamwo ibice 60% vy'Abahutu na 40 % vy'Abatutsi. Inama nkenguzamateka nayo izojamwo Abahutu n'Abatutsi ku bice 50%.

Tumenyeshe ko imigambwe y'Abatutsi itashize ibikumu kuri ayo masezerano yabereye i Pretoria na cane cane umugambwe w'abadasigana UPRONA, ikayahora ko ahengamiye ku nyungu z'Abahutu gusa.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG