Uko wahagera

Burundi: Bataillon ya MONUC Yanyuze i Bujumbura - 2004-05-25


Abasoda bagera ku majana umunani b'ishirahamwe ONU nibo barungitswe muri Republika Democratique ya Congo bafashe umuhora uca ku kibuga c'indege ca Bujumbura.

Abo basoda ba MONUC Bashitse ku kibuga c'indege ca Bujumbura ku musi wa kabiri, ari naho baciye bafata ibarabara ribashikana ku mupaka hagati y'ico gihugu hamwe n'Uburundi aho umutekano wabo ucungerewe n'abasoda b'Abarundi.

Abo basoda bamuka mu gihugu ca Uruguay.

Uyo muzo watanguye kuva kw'igenekerezo rya 15 Rusama, hakaba habanje ibikoresho vyabo na vyo nyene bikaba vyacishijwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura, ukazonashishikara gushika mu mpera z'ino ndwi.

Iyo bataillon y'abasoda b'abanya Uruguay ije gufatanya ibikorwa vyo gucungera umutekano mu karere ko mu buseruko bwa RDC n'abandi basoda ba Monuc bari bahasanzwe, igitigiri cabo bose kikazoba ic'abagera ku bihumbi bine. Bazokorana n'abasoda ba Onu bagiye kurungikwa mu Burundi, bikazofasha nko mu kuzibira uruja n'uruza rw'imirwi irwana nk'Interahamwe hagati y'Uburundi na Republika iharanira Democratie ya Congo.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG