Uko wahagera

Burundi: Imirwano Yongeye Kubura muri Bujumbura Rural - 2004-05-24


Izindi ngwano zarasubiriye kwaduka mu ntara ya Bujumbura rural.

Nk'uko abajejwe intwaro bo hasi babimenyesha izo ngwano zadutse mu gihe ikirindiro c'abarwanyi ba CNDD-FDD kiri mu karere ka Buhanda, muri zone ya Muberure, caterwa n'umurwi wa FNL Palipehutu wa Agathon Rwasa mw'ijoro rya ku w'Imana rishira uwa mbere. Ivyoba vayarahononekariye ntiiramenyekana.

Twibutse y'uko ingwano nk'izo zari zadutse haraheze indwi 2 muri komines za Mutambu na Kabezi hagati y'abasirikare ba reta na Palipehutu FNL ya Agathon Rwasa, zikaba zaratumye abantu bashika ibihumbi mirongo itatu bata izabo.

Umukuru w'intara ya Bujumbura rural, Ignace Ntawembarira, amenyesha y'uko abo banyagihugu ata cizero c'uko bagiye kuzotahuka ku mitumba iwabo. Nk'uko uyo mutegetsi mu bijanye n'intwaro abimenyesha, abo banyagihugu baracatinya ko umutekano wabo utaragaruka ku misozi baje bavamwo, bakaba bafise amakenga y'uko amazu yabo yoba yarasambuwe. Ishirahamwe PAM rijejwe ibifungurwa kw'isi riheruka guha abo banyagihugu imfashanyo y'ibifungurwa itegekanya ko bizobamaza ikiringo c'imisi 20.

Ingwano ziheruka mu ma zones ya Mutambu na Kabezi, haraheze indwi zibiri zatumye kandi abatari bake bahasiga ubuzima abandi barakomereka.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG