Uko wahagera

Burundi: Ibiciro bya Lisansi Bikomeje Kuzamuka - 2004-05-18


Ibiciro vy'ibitoro vyaradugijwe incuro zibiri mu kiringo c'amezi abiri.

Ibiciro vy'ibitoro vyarasubiriye kuduzwa ubugira kabiri mu kiringo c'amezi abiri. Nk'uko reta ibisigura, kuva aho intambara yadukiye muri Irak, umwimbu w'ibitoro wagiye uragabanuka, ibiciro vy'akagunguru baril bikaba bidahengashanya kuduzwa ku masoko mpuzamamakungu. Ukwo ibintu vyari vyifashe ku masoko mpuzamakungu vyatuma abarangura ibitoro babikura hanze batubahuka kubizana mu gihe reta dafashe ingingo yo kuduza ibiciro.

Kuva ku musi wa mbere essence yahora igurwa amahera 880 ubu yagiye ku 1000 ilitiro, gazoil nayo yahora ku 830 yadugijwe gushika ku 1000, petrol nayo iva ku 810 ija ku 900. Ivyo biciro vyaheruka kuduzwa kw'igenekezo ry'umunani mu kwezi kwa gatatu.

Uburundi bufise ibigega vy'ibitoro bitarenga bibiri. Hari ic'ishirahamwe SEP (societe d'entreposage des produits petroliers) gishobora kubika amaritiro imiriyoni 7, kikaba kiri i Bujumbura. Ikindi kiri mu ntara ya Gitega, arico COFITA, (Compagnie financiere du Tanganyika) gishobotra kubika amalitiro ashika ku miriyoni 21. Inkuru ziva mu badandaza b'ibitoro zimenyesha y'uko ububiko bw'i Gitega ata bwari bugifise mu gihe SEP yari isigaranye iyiri munsi y'amalitiro imiriyoni zibiri.

Stations zitari nke ntizari zigeze zigurisha ibitoro kuva ku musi wa gatandatu w'indwi iheze. Mu bisanzwe amashirahamwe ashika ku 60 niyo ari ku rutonde rw'ayarangura ibitoro mu makungu, ariko gushika uno musi ayari munsi ya 10 akaba ari yonyene aja kubitora hanze, ayandi akaba asigaye adandaza kw'ilitiro.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG