Uko wahagera

Burundi: Abarundi 2000 Baratahutse Bava muri Tanzania - 2004-05-18


Abarundi bashika ku bihumbi bibiri nibo batahutse mu Burundi mu kwezi kwa kane baciye ku mupaka wa Kobero Uburundi buhana n'igihugu ca Tanzaniya.

Ibiharuro vy'ishirahamwe HCR kw'ishami ryaryo rikorera mu ntara ya Muyinga, bivuga y'uko muri abo barundi batahutse bavuye mu gihugu ca Tanwaniya, abagabo bagera ku 351; abakenyezi ni 410, abana nabo bakaba bagera ku 1365,

Amauko yabo ni intara za Muyinga, Kirundo, Kayanza,Ngozi,Karuzi, Cankuzo, Ruyigi, Bururi, Bubanza na Mairie ya Bujumbura.Intara ya Muyinga yonyene ubwayo ikaba yakiriye abagera ku 929.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG