Uko wahagera

EJO BITE  05 01 2004 - 2004-04-30


Mu misi iheze, ishirahamwe ry'abanduye umugera utera ingwara ya SIDA mu Burundi ryatangaje ko ryifuza ko reta ry' Uburundi ishinga itegeko ribuza gukumira abo bantu.

Ahandi ho, ishirahamwe mpuza makungu ryitaho impunzi, HCR, riheruka gushinga ivuriro ridasanzwe rikorera mu miduga yo gufasha impunzi z'Abarundi ziriko ziratahuka ziva mu buhungiro. Urwaruka rwo mw'ikambi y'impunzi ya Lukole muri Tanzania rutabandanije amashure rwo rurashira hamwe m’ukurondera imyuga izoruteza imbere. Mu Rwanda ho, icyiciro cy'impunzi z'Abanyarwanda bari mu gihugu ca Namibia kizaja mu Rwanda m’urugendo rwo kureba ibyakorwa kugirango izo mpunzi zitahe iwabo. Umugambi w’urwo rugendo wafashwe kugirango wizeze izo mpunzi 500 ko zizataha mu mahoro n'umutekano.

Indi nkuru ivuga ko mu Rwanda hateraniye inama y'abana mu rwego rw’igihugu ivuga ku bumwe n'ubwiyunge.

Mu Rwanda kandi hizihijwe k'uncuro ya 9 umunsi nya Africa wo kurwanya indwara ya Malariya.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG