Uko wahagera

Burundi:  Abana Batahuka Bonyine  Ntibagira Uburenganzira k'Umutungo Wabo - 2004-03-09


Abana batahuka ari bonyene ntibabungabungigwa amatungo yabo n'imiryango baronderewe n'amashirahamwe y'abagiraneza.

Abana atawe bari kumwe bari mu mpunzi z'Abarundi zitahuka zivuye mu gihugu ca Tanzania. Hari abatandukanye n'imiryango, n'ababuriye abavyeyi bose mu buhungiro. Abandi bihakanywe na ba se igihe c'itahuka, imvo kukaba ari ukwanka yuko nk'uwasize umugore mu Burundi yomenya ko yavyariye umwana mu mahanga.

Ishirahamwe ry'abagiraneza IRC ribakirira kumupaka, nk'uko twavyiboneye i Kobero mu ntara ya Muyinga. Riraheza rigaca ribaronderera imiryango bashikiramwo ryongera riyihimiriza kwemera kubarera. Ivyo ribigira kuko ku bwaryo ari yo nzira yobafasha gukura bamerewe neza, ugereranije no kurererwa mu bigo.

Marie de la Soudiere ajejwe umugambi wo kugarukira ku bana bo mu ntambara ku cicaro ca IRC i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avyemeza afatiye ku burorero bwagenze neza mu bindi bihugu.

“Twarakoze mu mugambi w'abana 4000 batandukanye n'abavyeyi mu buryo bubabaje muri Cambodge, kandi bagiye babona bari mu buhungiro; hanyuma duca dutegura umugambi wo kurondera imiryango no kuyibasubiza mwo. Nibaza ko igihambaye ari ukugerageza kugumiza abana mu miryango, naho woba ari umuryango w'igisanira. Mugabo ntagutangura gushira imbere ibigo vy'impfuvyi, kuko ayo marerero yagiye arerekana igihe cose ko ari intambamyi ku bana. Ntibigera baronka rwa rukundo rwo mu muryango kandi barukeneye, ni naco kibatuma bamenyera kuba mu kibano.”

Mu ntumbero y'uko abo barerwa boterera mu kugwiza umwimbu mu miryango ibakira, ishirahamwe IRC ribatekerera imfashanyo igizwe n'isuka, n'imbuto. Inagurwa ry'inyifato yabo ni nkenerwa kuko bashikiwe n'ingorane z'umurengera. Imiryango ihimirizwa kwiyegereza umwana mwene uyo, kuko vyomufasha kubana neza n'abandi.

Mugukurikirana ingene abo barerwa bamenyera kuba mu miryango mishasha, IRC rirabagendera. Vyongeye, rirabategekaniriza kazoza mu kubajana kw'ishure. Agateka kabo ntikama kubahirijwe n'imiryango ibakira. Irabagurishiriza amatungo bidaciye mu mwumvikano, ikitwaza ko ari ukugira ibarere.

Mu gukingira kazoza k'uwo mwana atarezwe n'abavyeyi biwe, Reta irafata ingingo y'ukubuza kugurisha itongo basize. Valentin Kavabwami, umuhanuzi wa Buramatari mu ntara ya Muyinga mu vy'imibano, avuga ati:

“Iyo batavyumvikanye nko mu muryango bati itongo nirigurwe canke uwo mwana nyene akitura ku mushingantahe canke umu chef de secteur, badushikiriye twebwe ingingo dibufata ni uko amatungo y'uwo mwana, ibintu uwo mwana afise bategerezwa kubikingira ntibigurishwe.”

Ugukingira amatungo y'abo bana bigira intambamyi kuko inkuru bene iyo imenyekana mu ntwaro itevye.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG