Uko wahagera

Burundi: Leta Yatangije Umugambi wo Gucyura Abavuye mu Byabo - 2004-02-24


Reta y'Uburundi yaratanguje icese ku musi wa gatanu ibikorwa vyo guhungura abanyagihugu bari barataye izabo bagahungira hagati mu gihugu. Ivyo bikorwa vyuguruwe icese muri komine Mugongo-manga iri mu ntara ya Bujumbura rural.

Abanyagihugu bari bahunze uturere twa Mugongo bakaja mu Rushubi barisabiye ubwabo y'uko botahukanwa mu zabo. Mu nyuma y'imyaka icumi bari bamaze babamu mahema muri komine ya Isale, baragiriraniye imigenderanire n'abari barasigaye ku mitumba, bahurira nko mu masoko, ikaba yatumye bamwe mu bari barahunze n'abari barasigaye bateba bakumvikana ko atacobabuza gusubira kubana.

Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe gusubiza mu zabo abaziteshejwe, Francoise Ngendahayo, afatiye ku ngorane uwakuwe mu rwiwe agira yasavye abanyagihugu bari batahutse hamwe n'abandi bari baje kubasanganira y'uko abarundi bari bakwiye kwirinda icobasubiza mu kiza nk'ico bavuyemwo.

Aremeza y'uko umutekano uriko uragaruka mu bice bimwe bimwe vy'igihugu mu nyuma y'amasezerano y'uguhagarika ingwano n'iyinjira mu nzego ry'imihari yahora irwanya reta.

Ku miryango yababa 177 yari yarahunze iva muri komine Mugongo-Manga ikaja mu Rushubi, iyigera kw'i 124, n'ukuvuga abantu bagera hafi 600 ni yo yaciye itahukanwa.

Abanyagihugu basigaye mu mitumba twabajije baremeza y'uko mu kiza c'ingwano gihitiye impande zose zabuze, ari naco gituma ku bwabo bosubira kubana.

Ubushikiranganji bujejwe gusubiza mu zabo abaziteshejwe, buri kumwe n'abaserukiye umurwi CNRS, ujejwe kwakira abahungutse, amashirahamwe PAM na OCHA, baratanze imfashanyo y' ibifungurwa zobafasha kuba barabayeho mu kurindira y'uko imirima yabo yera. Izindi mfashanyo zatanzwe, n'amasuka hamwe n'uburengeti.

Umurwi CNRS nawo ugiye kuzoca utangura kwiga ibikenewe , nko mu bijanye no gusanura amazu yasambuste kugira ngo ushobore kubashikiriza imfashanyo.

Umushikiranganji Francoise Ngendahayo yarasavye y'uko abashaka gutahuka bose bobimenyesha hakiri kare kugira ngo ubushikiranganji bushobore gutegekanya ibikenewe vyose mu kubatahukana. Amenyesha kandi ko abazoba bipfuza kuba mu birwati reta izobibafashamwo, no mu yindi migambi y'iterambere bazoba bategekanya kurangura.

Itahukanwa rya mbere ry'abari barateshejwe izabo rishitse reta iri kumwe n'ishirahamwe HCR yaratanguye ibikorwa vyo gutahukana abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya bavyipfuza kuva muri ndamukiza mu 2002. Ibiharuro vy'abahunguka bava muri ico gihugu vyariyongereye. Ishirahamwe HCR ritanga ibitigiri vy'abagera ku bihumbi icenda kuva mu kwezi kwa mbere kw'uyu mwaka.



Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG