Uko wahagera

Burundi: Umugambi w'Ubumwe Umaze Imyaka 13 - 2004-02-09


Uburundi bwarahimbaje ku wa kane umusi mukuru wahariwe ubumwe hagati y'abarundi. Imyaka 13 irarangiye abarundi biyemeje y'uko bagiye kubana mu mahoro, bakaba babicishije mu matora.

Mu civugo nyamukuru co kuri iryo sango rigira irya 13, Abarundi biyemeza kuzotsinda ubugizi bwa nabi, ihonyabwoko no kwihorahorana, biciye mu umwe hagati yabo.

Ibirori bijanye n'uyo musi vyabereye ku cibutso gikuru c'Ubumwe bw'abarundi ku musozi wa Vugizo iBujumbura, aho umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye n'abandi bakuru bakuru mu bategetsi b'igihugu, abaserukira umuryango mpuzamakungu, bari bishikiye.

Umukuru w'igihugu Domicien Ndayizeye, yemeza icese y'uko ashimishwa n'intambwe Uburundi bugezeko mu nzira y'umugambi w'amahoro, n'aho umuhari FNL- Palipehutu wa Agathon Rwasa utarashira ibikumu ku masezerano yo guhagarika ingwano hamwe na reta.

President Ndayizeye yaramenyesheje y'uko ibikorwa vyo kwitegurira amatora mu gihugu cose bimaze gutangura.

Ivyo birori vyaranzwe kandi n'ibisabisho vyaremesherejwe ahariko harabera ibirori, n'abaserukiye amashengero y'aba Anglikani, Abacatolika, Abaislam, abo mw'ishengero ry'Abapentecote, bakaba ico bashimikirako ari ukugiriranira ikigongwe, ugutyorora imitima, ukugira umutima wo gusabikanya, umwumvikano hagati y'abatwara abandi, n'Abarundi bose.

Ingori z'amashurwe zarashizwe kuri ico cibutso n'abo bakuru, habanje umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye ubwiwe, hakurikira abaserukira umuryango mpuzamakungu, n'imigambwe.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG