Uko wahagera

Burundi: Inyigisho z'Imihari Katolika Zirafasha mu Ndero y'Abana - 2004-02-09


Inyigisho zitangwa mu mihari yisunga idini rya katolika zirafasha mu ndero y'abana.

Abana barinjira mu mihari yisunga Katolika bivuye ku gukurikira bagenzi babo. Ikibakwegakwega ubwa mbere, n'ibiteramo vy'indirimbo biremeshwa n'abo banyamihari ku maparoisse canke amashure. Umurerwa agenda ka burorerezi, bukebuke akabigira akamenyero, agakurikirana hamwe na bagenzi we inyigisho zifatiye cane cane ku rukundo hamwe n'inyifato nziza mu bandi, akongera agasabwa uzikurikiza mu buzima bwa misi yose.

Indagano umwana agira ari mu muhari, zimufasha gushimangira izo inyigisho. Muri rusangi, yiyemeza gukurikiza amategeko y'umuhari, ay'igihugu no kwubaha Imana.

Abayabaga twaganiriye batumenyesha ko ku bagendera ivyo bigishijwe, agatima k'ukutirengagiza abari mu ngorane kagenda karatsimbatara. Sandrine Degedege ari mu mugwi w'inkerebutsi mu ba Xaveri, aratwiganira ingene vyanse ko yirengagiza umuntu asinzikajwe n'ingwara.

“Mu muhari w'abasaveri baratwigishije ibintu vy'ama secourisme ubonye umuntu yapfuye ari ngaho canke arwaye waragira umutima w'ukumufasha. Uragira ikintu c'ikinya ukaraba ukuntu womufasha. Ariko umuntu ataciye mu muhari avuga ati yarageze kugenda mureke ashikeyo...”

Uko umwana agenda akura, niko n'indagano ziyongera kuko n'ivyiyumviro biba biriko birahinduka. Nko mu ba Xaveri hari abanyakamwemwe; bari hagati y'imyaka 9 na 12, inkerebutsi, 13 na 16, intwararumuri, 17 na 25, n'uwabakuze, UXA, Union des Xaveriens Adultes.

Uyo muhari uri n'ikibanza kinini mu guhindura inyifato y'umwana mu buzima bwa misi yose. Araheba akageso k'ukugambara hamwe n'ugushaka kwigenga birengeye.

Abavyeyi na bo nyene ubwabo barashimishwa n'ihinduka ry'inyifato y'abana babo iyo bari mu mihari. Nk'uwucigenza nabi bihutira kumwohereza mu muhari nk'uko inkuru twatohoje zivyemeza. Ku miyabaga itagikurikiranwa n'abavyeyi naho, irigarura bivuye kumpanuro ihabwa na bagenzi we.

Prosper Bigirimana ahejeje inyigisho muri kaminuza y'Uburundi, abikesheje abanyamihari.

“Mu myaka y'umunani niyo myaka usanga umunyeshuri aba akaze cane bimwe nokwita adolescence. Abasaveri baramfashije cane nayo ahandi hoho nahatswe kuba nk'umubandi. Ngeze muri kaminuza abasaveri baramfashije encadrement barankurikirana, barambwira bati wewe igenze gutya ntuhave wishinga ivyo bita amaligala, uhave usanga wibutse kwiga buca haba ikibazo.”

Urwaruka ruri mu mihari rumenya kwigwanako kare gusumba abandi bana mu bijanye n'ubuzima bwa misi yose. Ariko rero ukutishobora kw'imiryango imwe imwe ruvamwo, gutuma abana bari mu mihari barenga indagano bagize. Abakiri bato twabajije batubwira ko bishika bakaja kwiba.

Iyindi ntambamyi, n'uko urunganwe babana mu makaritiye rubosha nabi rwongera rubakwegera mu ngeso zitabereye. Izo nazo zikaba ari nk'ukunywa ibiyayura umutwe. Ukubura akarorero ku bakuze mu gihe imico iriko iratituka, na vyo nyene biri mu bibatesha inzira bihaye biciye mu mihari.

Daniel Kagimbi arongoye urwego nshingwantwaro mu muhari w'aba scout, aremeza yuko urwaruka rw'ubu rutakigira aho rurahura indero nziza.

“Urwaruka rurabuze akarorero rufatirako, kuko abakuze muri iyi myaka iheze nta karorero keza barweretse. Umwana aba akeneye ico twita modele d'identification mu gifaransa, n'ukuvuga ico afatirako ati “ jewe nifuza kumera nk'urya” mugabo urabona muri societe iwacu ama modeles si menshi, abantu umuntu yofatirako akarorero si benshi.”

Abanywanyi b'imihari bamwe bamwe, co kimwe n'urundi rwaruka, baratwawe n'intambara ifatiye ku moko. Hariho abagiye mu bwicanyi. Abemeye kugendera indagano bagize batumenyesha ko bibukije bagenzi babo gukubitiza agatima mpembero kuvyo bigishijwe mu mihari.

Uguhuza abakiri bato bava mu bihugu vyaciye mwo ingwano nk'Urwanda, Kongo n'Uburundi navyo nyene biri mu bikorwa vyaranguwe n'imihari, ku gira ngo bagume kw'ibanga. Uretse ukurengera ingorane abantu baciyemwo, amahuriro bene ayo afasha urwaruka n'ukuzitorera umuti bidaciye mu matati.

Daniel Kagimbi arongoye urwego shingwantwaro mu muhari w'aba scout aratwiganira uko bagerageje gusubiza mu nzira abakiri bato batwawe n'intambara.

“Amagume kuva agitera, twebwe twarafashije urwaruka turaruhuza turarwereka yuko rwogerageza kurengera ivyo biriko biraba. Tugahuza nko mu gisagara ca Bujumbura aba scout bo mu ma karitiye abantu batarabana ryiza, tugahuza urwaruka rutabonana....”

Ishaka n'umwete abakuriye mu mihari bagira mu kurangura imirimo yabo ya misi yose, biha umwizero abo bakorana. Akarorero ni nko kwumvirizanya ubwitonzi ingorane z'uwubituye. Vyongeye, barazezwa amabanga ahambaye bivuye ku kumenya gutunganya ibikorwa bigishwa hakiri kare.

Gaudence Kabuyenge n'umusaveri amaze imyaka irenga 30 mu muhari; yemeza y’uko mu bategetsi bakomeye abenshi ar'abanyamihari.

“Iyo umuntu ariko araraba nk'abasaveri bakuze benshi usanga barashinzwe amabanga kubera usanga baramenyereye gutunganya ibintu bakiri bato, aho bakuriye bagashingwa amabanga, bakayakora neza, ivyo rero ugasanga vyaramaze kuba ubuzima bwa misi yose.”

Urukundo ruva ku Mana imihari Katorika yigisha rurayitandukanya n'ayandi mashirahamwe avuka muri kino gihe.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG