Uko wahagera

Burundi: CNDD-FDD ya J.B. Ndayikengurukiye Ntiyishimiye Ubuyobozi Bushya bw'Ingabo - 2004-01-13


Umuhari CNDD-FDD, ishami rya Jean Bosco Ndayikengurukiye, warasavye ku wa kabiri y'uko ibiro bikuru vy'intwaramiheto biheruka gushirwaho n'itegeko rivuye mu biro vy'umukuru w'igihugu vyofutwa. Mu nyuma yaho umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi yamenyesheje icese y'uko ari umurwi ufise uburenganzira nk'ubw'umurwi usanzwe uhari urimwo abahora barwana bose, ukazoba ujejwe kuraba ukugene hoshingwa inzego zijejwe umutekano nshasha.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri, Jean Bosco Ndayikengurukiye aserukira rimwe mu mashami y'umuhari wahora urwana wa CNDD-FDD avuga y'uko ata yubahirizwa ry'amasezerano ryahabaye.

“Ico tutumva kandi gitangaza, n'uko hashingwa ibiro bikuru bukeye bakavuga ngo si ibiro bikuru, ngo ni umurwi ujejwe ukugene hazoba inzego nshasha zijejwe umutekano.Tuti none ni kubera iki badashira mu ngiro amasezerano bo nyene bumvikanye?”

Twibutse y'uko ishingwa ry'ibiro bikuru vy'intwaramiheto birimwo abahora barwana ryavuye mu mwumvikano wabaye mu nyuma y'ibiganiro hagati ya reta n'umuhari CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza. Gushika ubu ukaba ugizwe n'abaserukira reta 20 hamwe n'abaserukira uyo muhari 16.

Ku bw'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Jean Bosco Ndayikengurukiye, uguhindura izina be n'amabanga ajejwe urwo rwego rukuru rw'intwaramiheto nta kindi rizozana atari akajagari mu bijanye no gukurikiza amasezerano yo guhagarika intambara. Uyo muhari uvuga y'uko ata n'akamaro ko gushinga uyundi murwi kuko hasanzwe hariho uwundi, usanzwe urimwo abaserukira abahora barwana bose, ari wo commission mixte de cessez-le- feu, kandi usanzwe ukora.

Jean Bosco Ndayikengurukiye amenyesha ko ata nteguro n'umwumvikano mu kurangura ibikorwa bimwe bimwe mu mirwi iserukiwemwo na bose, nk'uko bitegekanywa mu masezerano yabereye i Pretoria igenekerezo ry'umunani mu mwaka w'2003. Yemeza kandi ko ukwo ibintu bimeze ari vyo bituma umutekano muke mu bice bimwe bimwe vy'igihugu nko mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, no mu ntara ya Bujumbura-Rural.

“Abantu birirwa barapfa muri Bujumbura-Mairie, birirwa baratotezwa muri Bujumbura-rural n'igisirikare ca Reta, hamwe n'abarwanyi ba Nkurunziza. Bazoronka agahengwe ryari mu gihe abo bantu bose bakora ukwo nyene ata rwego rw'abasirikare ba reta n'aba Nkurunziza bari hamwe,... intwazangabo kugira ngo batorere inyishu ivyo bintu?”

Jean Bosco Ndayikengurukiye yaramenyesheje icese y'uko hariho icizero c'uko ayo mashami yose y'umuhari CNDD-FDD yacanyemwo azosubiza hamwe agasubira kuba umuhari umwe mu nyuma y'intambara.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG