Uko wahagera

Afurika yo Hagati Igeramiwe n'Ikeha ry'Ibifungurwa - 2003-12-15


Uburundi buri mu bihugu 5 vyo mu karere k'ibiyaga binini bigeramiwe n'ikeha ry'ibifungurwa. Icegeranyo ishirahamwe mpuzamakungu FAO ryitaho ibifungurwa kw'isi riherutse gusohora ku bihugu 23 biri mu bumanuko bwa Sahara, cerekana y'uko mu bihugu nk'Uburundi, Republika Democratique ya Kongo na Republika ya Centrafrique iryo bura ry'ibifungurwa ryatewe n'ingaruka z'ingwano zihahitiye. Muri rusangi izo ngwano zatumye haba impunzi n'abataye izabo benshi.

Iryo bura ry'ibifungurwa ryongererezwa n'uruzuba rwateye mu bice bimwe bimwe vy'igihugu ca Tanzaniya.

Umwimbu w'ibifungurwa wose hamwe wagumye munsi y'uwari warabonetse hagati y'1988 n'1993 imbere y'uko intamabara yaduka mu Burundi

Mu bijanye n'ibiterwa bivamwo ifu mu Burundi mu mwaka w'2003 umwimbu wavyo ungana hafi amatoni ibihumbi 254; n'ukuvuga y'uko ibice 2,5% ari vyo vyagabanutse ugereranije no mu mwaka w'ibihumbi 2002. Ico gitigiri ariko ciyongereye ku ibice 3,3 % vy'umwimbu wari warabonetse mu myaka 5 iheze.

Isambuka ry'ibitari bike, ubusuma, n'uguta ingo kw'abanyagihugu bivuye ku ngwano vyatumye ibikorwa vyo kurima bigabanuka. Umwimbu mu bijanye n'imboga zumye watumwe ivyunyunyu vya proteines bigabanuka.

Ishirahamwe mpuzamakungu FAO rirongera rikamenyesha ku vyerekeye Uburundi ko ata mwimbu ubereye witezwe mu mwaka uza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG