Uko wahagera

Burundi: Aba CNDD-FDD Batangiye Kwegeranirizwa Hamwe - 2003-12-09


Abarwanyi b'umuhari CNDD-FDD baratanguye ibikorwa bigamije ukwegeranirizwa hamwe.

Abarwanyi ba CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, baratanguye ibikorwa bigamije ukwegeranywa mu makambi. Iyo nkuru yatanzwe na Gelaze Daniel Ndabirabe, umuvugizi w'uwo muhari.

Gelaze Daniel Ndabirabe amenyesha y'uko ubu bari mu bibanza bategerezwa guhuriramwo mu ntara zose z'igihugu imbere y'uko begeranirizwa hamwe. Abamaze gushika ntara ya Makamba bagera ku bihumbi bitandatu.

Abarwanyi b'umuhari CNDD-FDD bazogumana ibirwanisho vyabo kiretse abazoba bamaze kugenwa ngo basubire mu buzima busanzwe.

Gelaze Ndabirabe hamwe n'abandi bategetsi batandatu bo mu muhari CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza bashitse ku musi wa gatatu w'indwi iheze i Bujumbura kugira ngo baje mu murwi ujejwe ugukurikirana amasezerano yo guhagarikwa ry'intamabara. Uyo murwi nawo ugizwe n'abaserukira reta, be n'iyindi mirwi yahora irwana.

Abarwanyi baronka imfashanyo yo kubaho mu bijanye n'ibifungurwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ribifashijwemwo n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Tumenyeshe y'uko abarwanyi b'umuhari CNDD-FDD wa Jean Bosco Ndayikengurukiye na Palipehutu FNL ya Alain Mugabarabona ubu bamaze kwegeranirizwa hamwe i Muyange mu ntara ya Bubanza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG