Uko wahagera

Burundi: Abantu 5 i Bujumbura Bazize Igitero cya FNL PALIPEHUTU - 2003-11-10


Abantu batanu barimwo umwana w'umunyeshure barishwe mw'ijoro ryo ku w'Imana mu gisagara ca Bujumbura. Muri abo bahasize ubuzima, bane bahitanywe n'ibitero vyabereye muri zone za kamenge na Gihosha.

Muri zone ya Kamenge umukuru wayo, Mathias Barimwabo, amenyesha ko vyari vyerekeje imiryango ishika kuri itatu iherereye mu ma quartiers ya Twinyoni na Gikizi. Mathias Barimwabo yagiriza ivyo bitero abatu bitwaje ibirwanisho bo mu muhari FNL-Palipehutu. Umukuru wa zone ya Kamenge avuga kandi y'uko abasirikare ba reta baje kwigizayo ico gitero. Iruhande y'abishwe muri zone ya Kamenge, inzu 2 zaraturiwe.

Umuhari FNL-Palipehutu wamenyesheje icese y'uko ari wo wateye za bombes ku gisagara ca Bujumbura, mw'ijoro ryo ku w'Imana rishira uwa mbere. Ibibanza biherereyemwo abantu bakuru bakuru mu ntwaro vyarashikiriwe. Aha twovuga nk'inzu y'abapolisi bajejwe gucungera inzego USI, inzu y'uwujejwe ivya gisirikare mu biro biserukira Reta zunze Ubumwe za Amerika, inzu y'umunyamabanga mwishikira mu bijanye no kwivuna abansi mu biro vy'umukuru w'ighugu, n'iy'umukuru w'umugambwe Sangwe Pader.

Amabombes arenga 11 niyo yashoboye kwumvikana mu gisagara ca Bujumbura. Ariko inkuru zinyuranye zikamenyesha y'uko hariho n’ayatewe mu bice vya Mugoboka, na Gihosha, mu bice vya Bujumbura-rural. Gushika ubu nta wuramenya ivyononekaye muri ivyo birere.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG