Uko wahagera

Burundi: Urubyiruko Rutize Ruratozwa Imyuga - 2003-10-31


Buri mwaka ishirahamwe OPDE ryigisha urwaruka umwuga wo kubarira rikoresha ibirori vyo gutanga impapuro z'umutsindo. Uyu mwaka abigeme 11 n'abahungu 2 nibo baronse izo mpapuro kubarira. Abamaze kuramurwa bashika kw'187 uhereye mu mwaka w'1994, ari naho iryo shirahamwe OPDE ryatangura uyo mugambi.

Ihayanishwa ry'utugenegene twakozwe n'iyo miyabaga ni ryo ryakurikiye amajambo y'ivyo birori.Iyo miyabaga n'abigisha bayo ni bo baja imbere, bereka bongera basigurira uwuje kuratira ijisho. Uri imyambaro y'abanyeshure, ibitambara vyo mu nzu bisaswa ku meza, amashuka, amakanju, amakabutura n'amashati n'ibindi.

Athanase rwamo arongoye OPDE, mw'ijambo ryiwe yasavye kubafata mu mugongo mu kubashorera ivyo bakoze.

“Turabasavye ko mwobashigikira, ababishoboye. Bigurishwa amahera make, kandi ivyo tuzobaterera biva muri ivyo nyene. Ni ba Ntahonikora, bakeneye gushigikirwa na murundi wese w'umutima.”

Izo nyigisho zahawe imiyabaga yatowe mw'ibarabara, n'iyavuye mu miryango imw'imwe itishoboye. Mu kiringo c'amezi 18, bize guha iforoma igitambara, no kukibarira. Icibonekeje n'uko atari bose bazirangije. Abahevye benshi ni abari baje bava mw'ibarabara. Bananiwe n'ukumenyera indero itangwa mw'isomero, barisubiramwo.

Urwaruka rwaramuwe rurashima imfashanyo rwahawe mu kwigishwa umwuga, rwongera rusaba ikigongwe aho hose rutagamburutse:

“Turabashimiyecane. Baratwigishije, tugiye kumenya umwuga. Ariko bavyeyi, murabona twebwe urwaruka birashika tukagira amakosa, mwotubabarira, ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara.”

Kugira ngo uyo mwuga ushobore kubatunga batazeye imfashanyo yo hanze, ishirahamwe OPDE riratanga intererano igizwe n'ibikoresho bokwikorako. Twovuga nk'imashini yo kubarira, umukasi, imetero yo gupima, igitambabara n'ibindi.

Umushikiranganji w'imibano n'iterambere ry'umukenyezi, Goreth Nduwimana, niwe yashikirije icese izo certificats. Mw'ijambo nyamukuru, yamenyesheje ko reta igiye gufata mu mugongo amashirahamwe yitaho ikibazo c'abana bari mu ngorane.

Ivyo birori vyarangijwe n'iyugururwa ry'ikigo gishasha c'abakobwa muri zone Cibitoke.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG