Uko wahagera

Burundi: Urubyiruko Rwize Gucura Amasafuriya y'Aluminium - 2003-10-21


Ukwo ivyo bikoresho vyo munzu biteye, biratandukanye n'ivyo abantu bari basanzwe bamenyereye vy'imvamahanga. Ubudasa bwavyo, bufatiye cane cane ku ntimba, ukuba bidasenye neza, hamwe n'iforoma yavyo.

Bimwe mu vyo twabonye mw'isoko yo mu Ruvumera, n'amasafuriya, ipanu, ivyaruzo, ibiyiko, hamwe n'ipasi. Ibikenerwa kugira ngo ivyo bikoresho bihingurwe, ni allumnium. Abakiri bato bayitoratora mu moteri z'imodoka zapfuye, canke mu bindi vyuma vyazo.

Ibindi bikenewe, ni ingunguru, amakara canke umuyagankuba, ku bafise uburyo. N'aho urwaruka twaganiriye rutakunze kudushikana ku ruganda, rwarashoboye kuducira ku mayange ukwo rubigenza.

Umwe mu bo twasanze ariko arabidandaza kw'isoko yo mu Ruvumera ati:

“Ndarondera ntuzeye...Aluminium, ngacanga na Acide, ngateka,... ngaca utunogo, nkagira iforoma yo gufyaturiramwo ibikoresho. Hariho ibintu tudahisha bigishushe. Utabigize bigishushe, bica vyuma bigaca biba nk'izi safuriya nyene”.

Iciyumviro co guhingura ivyo bikoresho vy'ugukinjika, cavuye ku mpanuro iyo misore yahawe na bagenzi babo b'abanyekongo basanzwe baba ino mu Burundi. Kubera y'uko itashima kuguma yicaye canke kwandura ingeso z'ubusuma, yahisemwo gutorana uyo mwuga.

Urwaruka ni rwo rushoboye ico gikorwa kuko gisaba inguvu. Umwete n'ubuhinga umwe wese aba afise, ni vyo bisunga mu gihe bahana amatazirano. Hari uwitwa barumwete, kuko akorana ishaka mu kuja kurondera aluminium. Muyaga nawe azi guhuha umucanwa.

Ikiguzi c'imoteri y'imodoka itakigenda kingana n'amahera ibihumbi 50. Igitigiri c'isafuriya bakora ku musi kingana na aluminium baba baronse. Nk'uko iyo misore ivyemeza, ibiro 2 bishobora kuvamwo isafuriya imwe.

Kubera ko ata buryo bukwiye bafise bw'ukugura aluminium n'amakara, bituma umwimbu utagwira.

Ariko ico twiboneye kw'isoko yo mu Ruvumera, abantu ivyo bikoresho babishima ubukomezi n'ukutazimba kwavyo, nk'uko twabibwiwe na Aurelie Nduwarugira:

“Izi safuriya ndazibona neza kuko ndamaze kuzikoresha igihe kitari gito. Zirarutana, na zirya zishasha...urabona ko zirya zitameze nka ziriya. Irashobora gutoboka na ningoga, ariko nk'iyi panu, irakomeye. Mu bisanzwe izi nizo zitazimvye. Zirya z'imvamahanga nizo zizimvye”.

Amasanganya ahora ashika abo basore bisutseko aluminium. Abana nabo bashobora gushikirwa n'izo mpanuka kuko baguma bakinira hafi y'uruganda.

Umutekano muke wama uhungabana mu gisagara canke hagati mu gihugu ntuborohereza mu kuja kurondera ivyo vyuma bakoresha. Bakeneye ibikoresho vyisununuye kugira ngo batere imbere.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG