Uko wahagera

Burundi: Dr. Minani ngo Urubanza rw'Abishe Ndadaye Ni Ibihendabana - 2003-10-20


Umukuru w'umugambwe Sahwanya Frodebu, Dr. Jean Minani, yaramenyesheje icese y'uko urubanza rw'abagirizwa urupfu rwa Melchior rwabaye ibihendwamaso. Dr. Minani yabimenyesheje mu kiganiro ca bose yatanze i Bujumbura ku wa mbere buca Uburundi buhimbaza imyaka 10 irangiye Melchior Ndadaye agandaguwe. Ku bwiwe ivyabona vy'ukugene ibintu vyagenze baranyurujwe abandi barahunga.

“Vyogenda gute ko abanyororo bari mu munyororo ko hariho abantu benshi bashatse kubicirayo? Abo bishe, babiciye iki? Ni bande babanyuruje canke bashatse kubica? Ni babandi batuma ko Ndadaye bamwica. Urwo rubanza rwoba rutaradutorera abo bantu, ntaco rumaze. Ntarwo dushaka. Ni ibihendamaso.”

Dr Jean Minani adoma urutoki abasoda bakuru bakuru mu bijanye n'ubwo bwicanyi, akemeza ko abasoda bato bato, ba caporal ari nabo baciye bafatwa n'ubucamanza bagashirwa mu munyororo, atari bo bashobora kuba barateguye bakongera bagashira mu ngiro gandagurwa ry'umukuru w'igihugu.

Twibutse y'uko President Ndadaye yishwe amaze amezi 3 atwara mu nyuma y'aho umugambwe wiwe Sahwanya Frodebu wari watsinze amatora y'abashingamateka n'ay'umukuru w'igihugu mu mwaka w'1993.

Amasezerano y'amahoro yabereye i Arusha hagati y'imigambwe, inama nshingamateka hamwe na reta ategekanya y'uko urubanza rwerekeye igandagurwa rya Mechior Ndadaye rutegerezwa kuzosubirwamwo

Mu kiganiro yatanze ku musi wa mbere i Bujumbura, Dr. Minani yarahaye icizero abari bahari c'uko mu mwaka umwe (mu nyuma y'intwaro mfatakibanza ) Abarundi bazosubira gufata inzira y'amatora, kugira ngo batwarwe n'abategetsi batowe mu bwigenge, kuva hasi gushika hejuru.

“Dushaka igihugu c'Abarundi basubiriye kumvikana, aho ivyiyumviro vy'ubwoko canke intara bitazosubira kuba ari vyo bija imbere muri politique, canke ivyitwazo vyo gushika ku butegetsi.”

Mu bijanye n'ukugene amatora azogenda, umukuru w'umugambwe Frodebu yaramenyesheje uburyo bushasha bwategekanijwe kugira ngo ubwoba bwa bamwe bose ku bijanye n'amatora buhave.

Bizosaba kandi ko abanyagihugu bategurwa, kugira ngo kuva ubu bemere kwemera insinzi, no kwemera gutsindwa mu gihe uruhande rumwe acanke urundi ari rwo rwatahanye insinzi.”

Uretse umusi wagenewe ukwibuka urupfu rwa president Ndadaye, abari bitavye iyo nama barasavye ko hoba ibimenyesto vyerekana y'uko koko Melchior Ndadaye ari incungu y'Uburundi. Bamwe batanze akarorero k'ibarabara, icibutso,...

Tumenyeshe ko kuva mu 1994, inoti y'amajana atanu iriko ishusho ya Melchior Ndadaye iri mu bubiko bw'ibanki nkuru y'igihugu ari ko gushika ubu itarasohoka.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG