Uko wahagera

Burundi: Abantu 2 Barishwe mu Bubanza - 2003-10-16


Abantu bitwaje ibirwanisho barateye mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri imisozi ya Bukoroka na Mirombero mu ntara ya Bubanza.

Abajejwe intwaro yo hasi muri iyo ntara bemeza y'uko abo bantu bateye baje bambaye umwambaro wa gisirikare, bakaba basize bishe abacivils 2, harimwo umukuru wa zone ya Bukoroka. Abo bantu baciye bafata inzira ijana mu karere ka Zina bihana urubibe mu gihe bariko barahangana n'abasirikare ba reta .

Ico gitero catumye abandi bacivils 3 bakomereka bakaba bose bari abakenyezi. Ico gitero caje gikurikirana n'ikindi cabereye muri iryo joro nyene muri zone ya Mugina, abantu batanu baba ari bo bakomereka .

Ivyo vyashitse mu gihe umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, wemeza ko ata bitero ugira kuva ushize ibikumu ku masezerano yo kugabangana ubutegetsi na reta y'uburundi kw'igenekerezo rya 7 gitugutu. Umenyesha ko ugiye kuvugana na reta uburyo bwo guhasha.

Reta y'Uburundi iremeza ubwayo ku kuva ayo masezerano ashizweko ibikumu ibijanye n'umutekano muri rusangi vyifashe neza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG