Uko wahagera

Mu Burundi Abangavu Barashaka Imburagihe Kubera Ubukene - 2003-10-16


Abana b'abigeme barategekwa n'abavyeyi babo kuja kurongorwa bakiri imiyabaga. Ivyo vyibonekeza mu ma karitiye yo ku nkengera z'igisagara asanzwe abamwo abantu bafise uburyo bubayabaye.

Muri zone ya Kinama batubwiye y'uko hari abana b'abakobwa barungikwa kwubaka bari hagati y'imyaka 12 na 15.

Mu gushaka kugabanya ingorane ziterwa n'ubukene, abavyeyi batoranya abarerwa b'abigeme mu bandi bana bakaberekeza mu nzira ijana ku bagabo. Ugutwara inda z'ishushu bireze mu bana b'abakobwa bakiri bato bivanye no kutamenya uburyo bwo kwikingira.

Abavyeyi babo baratinya y'uko ivyo bishobora gutosekaza icubahiro c'umuryango, bakaja gutorera umugabo umwana wabo uwo bazubakana kugira ngo azotwarire inda iyo yaroye.

Mu bice bimwe bimwe birimwo imiryango ikenye, abana baraheba amashure, ababibarutse bakabona ko ata bundi buzima barindiriye atari ukuja ku mugabo.

Ubukunzi bw'inda bw'abaryango bamwe bamwe butuma babahanura inyosha mbi bataravye inyungu y'umurerwa. Barasororerwa mu bubare, nabo bakiyemeza imbere y'umugabo amurondera ko bagiye gukora ukwo bashoboye kugira ngo amutware.

Agasuzuguro kavuye ku bunyakamwe bw'ibibondo vy'impfuvyi, karaba imvo yo kurwa mu rudubi. Inkuru twatohoje muri zone kinama zivuga y'uko abavyeyi bakoresha agahato, canke mbere bakanabaturubika.

Sandrine Niyonzima ni umunyeshure afise imyaka 15, yashatse gukurwa mw'ishure ngo aje kwubaka urwiwe. Arasobanura ukugene vyamugendeye:

“...Haje umugabo nkeka yoba angana na papa wanje. Araza ngo jewe bari bakundangiye, ngo kandi nagushimye vy'ukuri....ngo twabonye y'uko ngo ngaho iwanyu ubayeho nabi. Ngo mugabo ugiye ku mugabo, urashobora kubaho neza, ngo ugatuma uja kugorerwa ku mugabo.”

Abo barerwa barangirwa abagabo ataco babaziko kijanye n'ubuzima bwabo. Ingeso yo guharika ituma bamwe uko bava mu ntara baja mu yindi ariko bashaka kuhagira umugore. Abagabo rimwe na rimwe barabesha y'uko abo bashaka gutwara bakiri abasore. Umwana akiri muto ntashoboye kwubaka ngo rugume. Aribaruka ibibondo adashoboye kurera kuko nawe nyene ataho aba arigeza. Agahombo ko gukora ico badashaka kabatera agahinda, bakabura ayo bacira n'ayo bamira.

Yihweje ukwo bagenzi be bangana barongowe babayeho, Cendrine Niyonzima abona ko ataco bamusumbije ku kugene babayeho. Amashirahamwe amw'amwe aharanira agateka k'umukenyezi abimenye hakiri kare arabashigikira.

Jeanne Gacoreke arongoye ishirahamwe ASSAM ryo mu kinama, avuga ukugene yafashije Sandrine Niyonzima.

“Bashaka kumutwara ku nguvu, ndabakarira....mbere nababwiye nti”uyu mwana ntacigaba. Ari mw'ishirahamwe, nti turafise ahantu tuzoja mu gateka ka zina muntu, nti kandi nzobafungisha ni mwaramuka mumujanye ku nguvu. Umwana nawe ndamuremesha...”

Abaguye mu rudubi bibuka kuyora bamaze gusesa. Inkurikizi zikaba ukwo ingo zisambuka bidatevye.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG