Uko wahagera

Ububirigi ngo Buzavuganira Uburundi mu Babufasha - 2003-10-10


Ububirigi bwaremeye ku wa gatanu y'uko bugiye kuzofata mu mugongo Uburundi mu nama y'amashirahamwe n'ibihugu bisanzwe bibufasha mu nama izobakoranya mu kwezi kwa Kigarama.

Ivyo vyamenyeshejwe mu gihe icegera c'umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi Louis Michel ari kumwe na mugenzi we Therence Sinunguruza ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu bari baramutse batera ibikumu ku masezerano ajanye no guha Uburundi imfashanyo.

Umushikiranganji Louis Michel ari mu Burundi kuva ku musi wa kane, akaba yaje azananye na Marc Verwighen ajejwe ugufashanya mu bijanye n'iterambere.

Mu nyuma y'aho babonaniye n'abategetsi bakuru bakuru, harimwo n'umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye, baramenyesheje icizero bafise c'uko amasezerano aherutse kuba hagati ya reta y'Uburundi n'umuhari CNDD-FDD wa Pierre Nkurunziza i Pretoria muri Afrika y'Epfo ari intambwe idategerezwa gusubira inyuma, mu bijanye no gutorera inyishu indyane, ukuzamura ubutunzi, ku neza y'abanyagihugu.

Ico gihugu c'Ububirigi cemeye kuzoha Uburundi imfashanyo ziri gutatu. Iya mbere ingana n'imiriyaridi 6,18 z'amafranga y'Amarundi, ikaba itazosubizwa. Ayo mahera agenewe kuzoriha imishahara y'abakozi b'abacivils mu kwezi kwa mbere, ukwa gatatu, n'ukwa gatanu mu mwaka w'2004. Iyigira kabiri ingana n'imiriyoni 868.232 z'ama Euros. Azoba agenewe ugutsimbataza uburyo bwo kuvura ingwara zikunda kwandukira abanyagihugu mu ntara ya Mwaro.

Imfashanyo igira gatatu igenewe uguteza imbere uburaro bw'abanyagihugu, no gukora ibikoresho vy'ukwubaka mu ntara za Cibitoke na Bubanza (mu buraruko ). Igera ku ma Euros imiriyoni 549.233.

Igihugu c'Ububirigi caremeye kwakira inama izohuza mu kwezi kwa kigarama amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe afasha Uburundi. Bwaremeye ku buzovugira Uburundi kugira ngo bushobore kuronka imfashanyo.

Icegera c'umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi Louis Michel, yaremeye ko igihugu ciwe kizokwama kivugira Uburundi kibicishije mu migenderanire bisanzwe bifitaniye canke mu migenderenire n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG