Uko wahagera

Burundi: Umugambi w'Amahoro Wateye Imbere - 2003-10-09


Ibiganiro bigamije uguhagarika ingwano hagati ya CNDD-FDD na reta y'Uburundi vyarateye intambwe imbere.

Umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye yaramenyesheje icese ku wa gatatu y'uko ibiganiro bigamije uguhagarika intambara vyateye intambwe imbere. Mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru aho ashikiye ku kibuga c'indege ca Bujumbura yaramenyesheje y'uko hari ibigiye guhinduka.

Impande zombi zarumvikanye y'uko mu rwego rw'umutekano, hagiye kuzoshingwa urwego rwo hejuru, ari narwo ruzoba rujejwe ugutegura ibijanye n’igisirikare, igipolisi n’iperereza bishasha.

Muri urwo rwego, reta igiye kuzotwara ibice 60% mu bazoyiserukira, mu gihe umuhari wa CNDD-FDD uzoserukirwa ku bice 40%. Urwo rwego kandi ni rwo ruzotegekanya abazokwinjira mu rwego rujejwe umutekano.

Perezida Ndayizeye ati: “Abazoba bagenywe muri abo bayobozi nabo bazoca baraba ukugene urwo rwego rwokwubakwa, hakurikijwe ababonetse.”

Tumenyeshe y'uko abagize uyo murwi bazokwiga cane cane ibijanye no kunganya mu mpande zose, rukurikije uburyo reta izoba ifise. Ni narwo ruzoraba ibijanye n'ivanwa ry'abasirikare bamwe bamwe ku rugamba.

Naho mu bijanye n'intwaro umuhari CNDD-FDD ugiye kuzoronka ibibanza 4 vy'abashikiranganji, 2 mu bazoserukira Uburundi mu yandi makungu, na 3 muri ba bulamatari.

Mu rwego rw'inama nshingamateka, umuhari CNDD-FDD uzoronka ivyicaro 15, mu rwego nshingwantwaro rwayo naho uzohabwa ibibanza 2, ic'icegera ca kabiri c'umukuru w' Inama nshingamateka, be n'ici'icegera c'umunyamabanga mukuru w'inama nshingamateka.

Abanywanyi bo muri uyo muhari bazoshobora kuronka ibibanza mu masocietes makuru makuru ya reta asanzwe ari mu gihugu.

Umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye yaramenyesheje kandi ko igihugu kizotegekanya uburyo bukwiye bwo kurwanya umuhari FNL-Palipehutu mu gihe uzoba utaremera kuja mu biganiro.

Ibindi bibazo bisigaye nko kwinjira mu nama nkenguzamateka bizoshishikara kwigwa mu nama izotegekanywa imbere y'uko ihuriro ry'abasanzwe bafasha Uburundi riba, n'ukuvuga imbere y'indwi zibiri.

Tumenyeshe ko impande zose ziganira zumvikanye ko ingwano yoba irahagarara.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG