Uko wahagera

Ububirigi Bwemereye Uburundi Miriyoni 5 z'Ama Euros - 2003-10-06


Igihugu c'Ububirigi caremeye guha Uburundi imfashanyo y'ama euros ashika ku miriyoni zitanu, n'ukuvuga hafi imiriyaridi 6,8 z'amafaranga y'amarundi.

Reta y'Ububirigi isigura y'uko muri kino gihe Uburundi bufise ingorane zihambaye z'ububiko bw'amahera budashobora kuvamwo budafashijwe n'ibihugu canke amashirahamwe mpuzamakungu yari asanzwe abuha imfashanyo.

Ayo mahera azoshobora gufasha guhemba abakozi ba reta mu kiringo c'amezi atatu.

Iyo ngingo yafashwe mu gihe umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi - akongera akaba ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu -, Louis Michel, agiye kuzogendera Uburundi ku musi wa kane mu rugendo yatanguye kuva kuri uyu w'Imana mu bihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini. Louis Michel azoba ari kumwe na mugenzi we ajejwe ugufashanya mu bijanye n'iterambere, Marc Verwilghen.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG