Uko wahagera

Burundi: Abantu 3 Barishwe muri Zone ya Kinama - 2003-09-25


Abantu 3 barimwo umwana w'imyaka 5 barishwe mw'ijoro ryo ku wa gatatu rishira uwa kane.

Ubwo bwicanyi bwabereye kw'ibarabara rya 20, inomero 20, nyene muri quartier ya Bubanza, muri zone ya Kinama, ku nkengera z'igisagara ca Bujumbura.

Umugabo n'umukenyezi wiwe, hamwe n'umwana wabo w'umuhererezi, basanzwe mu nzu babanza gusohorwa hanze, mu gihe abandi bana bari bamaze guhunga.

Abanyagihugu baba muri iyo micugararo batuma urutoke abasoda ba reta. Bavuga y'uko bagerageje no kubomora ayandi mazu ahegereye, bakemeza ko intumbero yari iy'ukurondera abandi bantu ngo babice. Umunyagihugu atashimye kwivuga izina ati:

“Barishe abantu.Igituma hatapfuye abandi bantu muri ayo mazu n'uko abantu bose bari bahunze. Abo nabo bapfuye n'umushingantahe serugo na inarugo bari bigumije bagira bati ngira n'ibisanzwe bihava bicureha.”

Abantu baba mu micungararo y'aharaye habereye ubwo bwicanyi baciye bahunga, kubera ubwoba butewe n'amasasu menshi yaje akurikirana n'ubwo bwicanyi. Imiryango imwe ntiyaraye mu ngo zayo muri iryo joro. Mu gihe c'umutaga vyaribonekeza ko abantu bagifise ubwoba kubera ivyari vyaraye bibaye.

Inkuru ziva hirya no hino zivuga y'uko abo bantu bishwe n'abasirikare mu gihe bariko barahora mugenzi wabo yari ahejeje kwicirwa kuri iryo barabara rya mirongo ibiri.

Umukuru wa Zone ya Kinama twashoboye kuvugana kuri telephone yemeza y'uko koko hariho umusirikare w'igihugu yaheruka kwicirwa muri akokarere. Ivyo akaba yavyemeje yisunze icegeranyo cagizwe n'abajejwe umutekano bakorera muri iyo zone, kivuga ko umwe muri bo yishwe muri iyo quartier ya Bubanza. Yaramenyesheje ariko ko atari bwashobore kuhishikira ngo amenye ukugene ibintu vyagenze.

Abanyagihugu bo muri iyo micungararo barahakana ko ata musirikare w'igihugu yoba yari yarahiciwe ku musi w'ejo ku mugoroba; bati n'ikimenyamenya nta bisigarira vy'amaraso vyibonekeza aho bavuga ko yoba yariciwe.

Ku bw'umuvugizi w'igisirikare ca reta, Colonel Augustin Nzabampema, abo bacivils bishwe ahubwo n'abarwanyi bo mu muhari urwanya reta wa FNL-Palipehutu, ishami rya Agathon Rwasa, babahora y'uko boba bafitaniye imigenderanire ya somambike n'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza.

Umuvugizi w'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, yagiriza ivyaraye bibaye abasoda b'igihugu. Gelaze Daniel Ndabirabe yemeza ko hariho uwujejwe intwaro yo hasi atashatse kuvuga izina amaze igihe akorana n'abasoda ba reta muri ako karere mu kubereka amazu abamwo abantu bita ko ari abanywanyi ba CNDD-FDD. Ntiyashoboye kumenyesha ariko ko abo baraye bagandaguwe bari abanywanyi b'umuhari wiwe.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG