Uko wahagera

Burundi: Imirwano Hagati ya Guverinoma na FNL Yahitanye 10 - 2003-09-22


Abantu bashika kw'icumi barasize ubuzima mw'itana mu mitwe hagati y'abasoda ba reta be n'abaroberi b'umuhari uyirwanya wa FNL Palipehutu. Izo ngwano zabereye muri komine ya Kanyosha mu ntara ya Bujumbura-rural.

Inkuru ziva mu bajejwe intwaro zimenyesha y'uko iryo tana mu mitwe ryaje rikurikirana n'igitero cagiriwe abairikare ba reta bari mu runywero rw'ahitwa Bangatere ku musi w'Imana ku mutaga. Umuvugizi w'igisirikare ca reta Augustin Nzabampema yemeza ko abasirikare 2 ari bo bahasize ubuzima.

Igitigiri c'abantu bahitanywe n'iyo ngwano kirashobora kwiyongera mu bihe biri imbere. Nk’'uko abanyagihugu twaganiriye babimenyesha, imivyimba y'abahitanywe n'amasasu iguma itorwa aho abantu bashobora gushika. Ku bwabo bemeza ko bamaze kubona ibiziga bishika kuri 15.

Mpawenabo Mariyana, umwe mu bakenyezi bari bahunze twashoboye kuvugana na we, ati:

“Abantu barapfuye benshi cane. Abantu bamaze kumenyekana, ni cumi na batanu. Abo ni abari ahabona.”

Abanyagihugu bari mu micungararo ya Bangatere baciye bata izabo. Abenshi bahungiye mu karere ka Ruyaga ku murwa mukuru wa komine ya Kanyosha. Abandi nabo bagiye mu turere twa Sororezo, ku Kamabuye, Bigoma, Rweza, Buzige...

Abo banyagihugu bemeza ko bagiye ataco bahunganye.

“Jewe mba kuri Muyaga. Nahunze amasasu ava kuri bangatere. Jewe narirutse n'abana. Maze gushika i Sororezo, mbona hari agahengwe nduhukiraho. Hanyuma ku mugoroba, ntitwashobora kugendayo kuko amasasu yari menshi. Ingorane turazifise; nta muntu yirukanye ikintu na kimwe, ari isafuriya ntiwajanye, ari impuzu ntiwajanye... ”

Abashoboye gutimba bagasubira i muhira ngo basanze ingo zimwe zimwe zamaze gusahurwa. Abo banyagihugu bemeza kandi y'uko hariho n'amazu yaturiwe mu bice bimwe bimwe abantu bari bahunze. Ariko iyo nkuru ikaba yarabeshujwe na Buramatari w'intara ya Bujumbura-Rural, Ignace Ntawembarira.

Abanyagihugu bamwe bamwe baraburanye n'abana babo n'abana babo mu gihe bahunga.

Tumenyeshe y'uko ishirahamwe ry'abagiraneza Medecins Sans Frontieres bari baje gufasha mu gutabara abantu 11 bakomerekejwe n'amasasu. Ahandi imirwano ivurwa ni mu ntara ya Makamba, aho abantu batatu bahasize ubuzima kuri uyu w'Imana.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG