Uko wahagera

Burundi:  Abatarasinyiye Amahoro ngo Ntibagahabwe Ijambo - 2003-09-17


Reta y'Uburundi iragabisha amaradio y'abanyamahanga avugira kw'isi y'Uburundi, ku guha ijambo imirwi irwana itaraja mu biganiro vy'amahoro.

Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ukumenyesha amakuru akongera akaba n'umuvugizi wa reta yaragabishije ku wa gatatu amaradiyo y'abanyamahanga akorera mu Burundi y'uko ategerezwa kwima ijambo abakuru b'imihari irwana itaremera kuja mu biganiro hamwe na reta.

Ivyo vyamenyeshejwe mu nyuma y'aho Ambassadeur Albert Mbonerane afatiye ingingo yo guhagarika ibiganiro vy'amaradio abiri yigenga akorera mu Burundi, ariyo Isanganiro na Radio Publique Africaine.

Umushikiranganji Albert Mbonerane yemeza y'uko abayarongoye batubahirije itegeko ribabuza kuvugisha abaserukira imihari irwana itaremera kwitaba ibiganiro, aha akaba ari FNL-Palipehutu, ishami rya Agathon Rwasa.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu i Bujumbura, yaranamenyesheje y'uko bibujijwe no kusubiramwo amajambo bashikirije.

Iyo ngingo yerekeye amaradiyo akorera mu Burundi be n'ay'abanyamahanga yumvikanira kw'isi y'Uburundi. Amaradiyo y'abanyamahanga yerekewe n'iyo ngingo ni cane cane RFI na BBC akorera kuri FM mu Burundi.

Inama y'igihugu ijejwe gucungera umwuga wo kumenyesha amakuru CNC mu ncamake ntirakorana kugira ngo igire ic'ivuze ku bijanye n'iyo ngingo yafashwena reta vyihutirwa.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG