Uko wahagera

Burundi: Aho Aba FDD Bazaherwa Ibiribwa Ntiharamenyekana - 2003-09-07


Bujumbura, ku wa 3 Nyakanga

Ibifungurwa vyo gufasha abarwanyi b'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, ntibirashobora gutangwa mu buseruko bw'igihugu. Reta hamwe n'uyo muhari n'ubu ntibarashobora kwumvikana ku bibanza ivyo bifungurwa bizotangirwamwo.

Intumwa z'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ziri kumwe n'abaserukira igisirikare, hamwe n'abaserukira intwaro, ntizashoboye gushika ahitwa i Mago mu ntara ya Ruyigi, aho bategerezwa kuja kwihweza uko amayira ajana yo be n'ukugene umutekano vyifashe. Abasirikare bacungereye umutekano muri ako karere ntibashoboye kubizeza ko umutekano wabo muri ayo mayira ukwiye. Bagarukiye ahitwa Kayogoro.

Gelaze Daniel Ndabirabe, umuvugizi w'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, yemeza ko ivyo abasirikare ba reta babigiza ibigirankana, y'uko ari bo batashatse y'uko izo ntumwa zishobora gukora akazi kazo.

Reta y' Uburundi yipfuza ko ivyo bifungurwa vyotangirwa i Kayogoro muri Gisuru mu gihe abantu ba Pierre Nkurunziza bo bipfuza ko vyotangirwa i Mwegera na Mago.

Tumenyeshe y'uko uyo murwi urwana wa Pierre Nkurunziza wagiriza reta y'uko iriko irakoresha ibirwanisho bikomeye mu bice vya Gisuru na Nyabitsinda. Abajeje intwaro ariko babeshuje iyo nkuru.

Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG