Uko wahagera

Burundi: Umusirikari 1 Yiciwe mu Kinama - 2003-08-15


Bujumbura, ku wa 14 myandagaro

Umusoda wa reta umwe niwe yishwe ku musi wa gatatu mw'ijoro n'abantu bambaye impuzu za gisirike.

Ubwo bwicanyi bwabereye mu karere ka Kanga gaherereye muri zone ya Kinama, ku nkengera za mairie ya Bujumbura.

Bukeye bwaho,umukuru wa zone ya Kinama ntiyashoboye kumeneyesha neza abo bantu ab'ari bo. Jean Berchmans Nsabimana yemeza y'uko we ari kumwe n'imikangara y'abacivils icungera umutekano batashoboye gushika aho ubwo bwicanyi bwabereye buno nyene kubera y'uko amasasu menshi yagumwe avuga.

Uyo musirikare yaraye yishwe yari asanzwe ari uwo kuri position y'abajejwe umutekano aho ku kanga nyene, akaba nk'uko umukuru wa zone ya Kinama abimenyesha yishwe mu gihe yari avuye gutelephona hafi ya position y'abasirikare yari asanzwe akorerako.

Ikindi naco n'uko bukeye mu gatondo ata wahuta bamenya neza ukwo ibintu vyagenze kuko abanyagihugu baba aho vyabereye baciye bagira ubwoba barahunga.

Umukuru wa Zone ya kinama atanga isango ryo mu misi ibiri muu nyuma y'itohoza ari naho hazomeneyeshwa icese ukwo ibintu vyagenze.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG