Uko wahagera

Burundi: Umupolisi Umwe Yaguye mu Gitero cya FNL - 2003-08-13


Bujumbura, ku wa 12 Myandagaro

Umupolisi umwe ni we yasize ubuzima ku wa mbere mw'ijoro mu gitero cagizwe kuri position y'abajejwe umutekano w'umwe mu bakozi bo mu bushikiranganji bwo hagati mu gihugu. Aho hari muri karitiye ya Kibenga muri zone ya Kinindo mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura.

Abajejwe intwaro bemeza y'uko ico gitero cagizwe n' abo mu muhari urwanya ubutegetsi wa Palipehutu FNL. Abanyagihugu baba hafi y' ahabereye ico gitero bemeza y'uko abo bicanyi baje baririmba indirimbo z' Imana.

Bubaye ubugira kabiri iyo position y'abajejwe umutekano iterwa , uyo mupolisi yaraye yishwe akaba yari yararokotse ku gitero caheruka.Tumenyeshe y'uko uyundi mupolisi umwe hamwe n'umu civil umwe nyene bahakomerekeye.

Ako karere ko mu bumanuko bw' igisagara ca Bujumbura kari kamaze igihe mu gahengwe mu nyuma y'ibitero biheruka mu ntango z'ukwezi guheze vyari vyagizwe n'umuhari FNL-Palipehutu, abanyagihugu batari bake bakaba bari bataye izabo.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG