Uko wahagera

Burundi: Perezida Ndayizeye Yasuye Uganda n'Afurika y'Epfo - 2003-07-29


Umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye yaragendeye ibihugu vya Afrika y'epfo na Uganda.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Domitien Ndayizeye, yarafashe urugendo ku musi wa mbere rumushikana mu bihugu vya Afrika y'epfo na Uganda. Imbere y'uko afata indege yamenyesheje abanditsi n'abamenyeshamakuru y'uko agiye kurabira hamwe n'abakuru b'ivyo bihugu ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika ingwano.

Urwo rugendo rubaye mu nyuma y'inama yari yahuje abaserukira abarwana bo mu muhari CNDD-FDD ya Pierre Nkurunziza na reta y'Uburundi bahuriye i Dar Es Salaam muri Tanzaniya kuri uyu wa 21 Mukakaro. Tubibutste y'uko iyo nama yari igamije ugushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika ingwano, n'ugushishikara ibiganiro vy'amahoro vyoshikana kw'ihagarikwa ry'intamabara.

Amasezerano yo guhagarika ingwano yari yashizweko ibikumu ku wa kabiri kigarama hagati y'iumuhari CNDD-FDD ya Pierre Nkurunziza na reta y'Uburundi.Ingwano zakurikiye guhera mu ntango z'umwaka wa 2003, zatumye hategekanywa iyindi nama ihuza iyo mirwi ku wa 27 nzero ikaba yari yerekeye ukwiyemeza guhagarika gusotorana.



Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG