Uko wahagera

Burundi: Ikigo Kigisha Abakiri Bato Kubana Neza mu Kamenge - 2003-07-21


Ikigo c'abakiri bato "centre Jeunes Kamenge" carashinzwe mu karere ko mu buraruko bwo mu gisagara ca Bujumbura kugira ngo abakiri bato bige kubana.

Igituma nyamukuru catumye ako karere ari ko gashingwa mwo ico kigo, n'uko kari mu mu bice vyasinzikajwe n' intambara cane cane mu mwaka w'1994. Ikindi naco n'uko gifise ingorane z'uburyo bwo kubaho busanzwe buranga abantu baba ku nkengera z'ibisagara. Ni ihurirory'amakaritiye ya Buterere, Cibitoke, Gihosha, Kamenge, Kinama na Ngagara.

Ku bijanye n'akamaro ico kigo gishobora kugirira abakiri bato umukuru waco, Patiri Claudio Marano, akavuga ati:

"Si ikigo c'ukugira ngo abakiri bato baronke akazi, kugira ngo batorere inyishu ingorane zijanye n'ubugizi bwa anabi, urumogi, sida....Ikitugenza n'ukumenyereza abakiti bato kubana."

Ico kigo kirategekanya imirimo irangurirwa mu mirwi, ituma abakiri bato bahura. Aha twovuga nk' ukwiga n'indimi mvamahanga, ukurorera amasanamu ya video, ukunonora imitsi n'ibindi.Abana twaganiriye batubwira ko bibaha akaryo ko kumenyana no gukunndana.

"Urabona hakorerwa ibintu vyinshi. Hariho gukina imipira, hariho inyigisho usanga bategura zijanye no kwigisha ibijanye n'amahoro, gutyo rero ugasanga abahahuriye barafise agatima ko gukundana kubera izo nyigisho bahakura."

Suavis Ngurinzira arongera ati:

"Nk'ubu muhwaniye ku kintu kimwe, mukaba muzi muti, twama duhwanira n'uno muntu mu mupira, ...usanga n'iyo muhuye hanze umengo muravukana."

Tumenyeshe ariko y'uko imirimo imwe imwe ihurumbirwa gusumba iyindi bivuye ku nyungu urwo rwaruka ruyibonamwo. Hariho nko kumenya amategeko yo gutwara umuduga, kwiga kubarira, canke ubuhinga bugezweko bwo gukora, ari bwo informatique mu rurimi rw'igifaransa.

Ibikorerwa muri ico kigo biraheza bigakwiragizwa no mu banyagihugu baba muri ayo mazone yo mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.A.ha nko kuremesha ibiteramo vy'amahoro, ivyo kurwanya ingwara ya sida n'ibindi

Abakiri bato bama baja muri ico kibanza "centre jeunes Kamenge" baremeza kandi ko ivyo bahumvira bibafasha guhariranira mu nyuma y' icanamwo rifatiye ku bwoko, ari na ryo ryari ryatumye amakaritiye bavamwo ashamiranira. Umwe muri bo ati:

"Hariho benshi twabonana nabi [...]Ubu ukwo tubonana umengo nta cigeze kiba hagati yacu.Turabonanira ngaha, tukaganira ntidusubira kuvugana n'ingene vyagenze."

Iyindi nkurikizi y'uko abo bakiri bato bahurira muri ico kigo n'uko bahava bagasubira imigenderanire myiza hagati mu makaritiye yabo.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.


Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG