Uko wahagera

Burundi: Abadepite ba FRODEBU 4 Baranyurujwe - 2003-06-30


Abashingamateka bane bakomoka mu mugambwe Sahwanya -FRODEBU baragizwe imbohe kuri uyu wa gatandatu ku muhingamo n'abagwanyi bo mu muhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza. Abo na bo ni Pierre Barusasiyeko, Leonidas Ntibayazi,Veronique Nizigama, na Fabien Barutwanayo, hamwe n'umushoferi wabo.

Iryo nyuruzwa ryabereye muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi. Umushikiranganji ajejwe umutekano n'intwaro hagati mu gihugu ari nawe yamenyesheje icese ivyabaye yavuze kandi y'uko abandi bacivils indwi bagizwe imbohe muri uwo mutego.

Abo bategetsi bari bagiye mu ntara ya Ruyigi guhimbaza imyaka cumi irangiye umugambwe sahwanya Frodebu utahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu.

Gushika ku musi w'Imana inkuru zinyuranye zemeza y'uko abo bagizwe imbohe bakiriho. Umuhari CNDD-FDD ukaba wari wemeje ko ataco uzobagira.

Pierre Barusasiyeko yari asanzwe ari icegera c'umunyamabanga mukuru mu nama nshingamateka y'Uburundi. Leonidas Ntibayazi na we akaba yatwara umurwi wa FRODEBU mu nama nshingamateka, akongera akaba atwara igisata kijejwe agateka ka zina muntu muri urwo rwego.

Haraheze indwi zibiri abakuru b'amakomine ya Agatara mu Kayanza hamwe na Cendajuru mu Cankuzo baheruka kugirwa imbohe n'uwo muhari urwana wa CNDD-FDD.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.


Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG