Uko wahagera

Burundi: Imiryango 4662 Ku Mutimbuzi Yizeye Gutahuka mu Ngo Zayo - 2003-06-07


Imiryango igera ku 4662 irwiriyemwo abana yari yarahungiye muri komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura rural igiye kuzotahuka.

Ibikorwa vyo guhungura abo bantu vyatanguye ari uko abajejwe intwaro n'abaserukira igisirikare muri ako karere babanje kuvyumvikana, navyo bikaba vyari bijanye no kuja gusibura aho bahora baba.

Iryo hunga ryari ryatewe 'imirwano yari yahuje abasoda b'aigihugu n'umurwi urwana wa F N L Palipehutu haraheze ikiringo c'imyaka itatu mu bice yva Rubirizi bihana urubibe, nka Tenga, Kigobe, Gasenyi , Kiyange na Nyabunyegeri.

Abo bantu nta kambi bari bashikiyemwo kandi imfashanyo ya reta baheruka kuyironka rimwe gusa mu gihe bashika aho ku Mutimbuzi. Ukuba mu buhungiro vyatumye ibikorwa vyari bitunze abanyagihugu bigizwe ahanini no kurima yvari vyahagaze, abana n'abavyeyi babo bakaba bari basigaye batunzwe no guca ingero canke ugusegerereza.

Abana batari bake bari bafise ibimenyetso vy'uko bafungura nabi, nka Kwashiorkor, bakahatorwa n'amashirahmwe y'abagiraneza yaza kubafashisha imisururu.

Rekatubane Alfred, umwana w'imyaka 13 twasanze mu buhungiro ku Mutimbuzi ati:

"Numva nezerejwe n'uko baje kuduhungura tuje mu zacu. Iyo uri mu rugo uririmira, nk'urupango rwawe, ariko iyo uri mu buhungiro,urabura aho urima warahunze, hanyuma ukabura ico urya, ugaca urwara."

Ico gihe abagiraneza bari baje kubaha imfashanyo y'ivyo bazoba barakoresha mu gihe bazoba bagishika mu ngo zabo. Izo mfashanyo zari zigizwe n' ibivomesho, amasuka,uburengeti, amasabuni, n’ibindi, ariko nta mfashanyo igenewe abana yari irimwo.

Mu buhungiro inyubakwa zitari nke zarononekaye, hari mwo n'amashure. Abajejwe intwaro bavuga y'uko, mu misi ya mbere, abahora biga bazoca bashishikara kuza barava i Muhira baja kwiga aho bahora biga, ahandi naho hakaba harubakwa amashure y'amahema abanyeshure baba barigiramwo mu kurindira y'uko ayari yarasambuwe asanurwa.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG