Uko wahagera

Burundi: Alphonse Kadege Azoba Icegera c'Umukuru w'Igihugu - 2003-04-26


Alphonse Kadege yaratowe ku wa gatanu n'inama nshinagamateka na nkenguzamateka ngo abe ari we azoja mu kibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu mu kiringo c'intwaro mfatakibanza.

Igenwa ry'icegera c'umukuru w'igihugutwara rikorwa hisunzwe amasezerano y'amahoro yabereye i Arusha. Uyo mukuru ategerezwa kuva mu bwoko canke umuryango wa politike udasa n'uw'umukuru w'igihugu.Ikiringo ca kabiri mfatakibanza ni amezi cumi n'umunani.Abashingamateka n'abakenguzamateka batoye integuro y'itegeko rimwemeza bari 205, abo ataco barivuzeko bari icenda.

Alphonse Kagege yari asanzwe ari umukuru w'umugambwe Uprona kuva kw'iganekerezo rya 7 Kigarama mu mwaka w'2002.Yahora awuserukira mu nama nshingamateka kuva mu matora yari yabaye muri ruheshi mu mwaka w'1993.

Alphonse Kadege yararanguye amabanga muri reta kuva mu 92, aho yari umushikiranganji ajejwe amakuru akongera akaba n'umuvugizi wa reta .Asubiriye Domicien Ndayizeye agiye kuzoja mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG