Umurwa mukuru w’Uburundi warasubiriye guterwa za bombes kuri uyu wimana mwijoro ubugira gatatu bwikurikiranya.
Umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, uguma wemeza y'uko ari ukwivuna ibitero vy'abasoda ba reta. Usaba y'uko ubu bwa vuba umukuru w'igihugu c'Ubuganda, akongera akaba umukuru w'akigoro ko mu karere k'ibiyaga binini mu bijanye n'Uburundi, yotegekanya vyihutirwa inama igamije kurangiza ibibazo vyari bisigaye mu nyuma y'amasezerano yabereye i Arusha muri Kigarama mu mwaka uheze.
Uyo muhari wipfuza cane cane y'uko mu bijanye na politique boraba ukugene umuhari CNDD-FDD wokwinjira mu nzego z'igihugu. Ku bijanye n'igisirikare naho hagashingwa umurwi urimwo bose wotegekanya ibibazo vyerekeye nk'iyegeranirizwa hamwe ry'abahora barwana.
Umuvugizi w'igisirikare ca reta, Colonel Augustin Nzabampema, yemeza y'uko ivyo bitero bigamije ukubuza y'uko inteko za Afrika zijejwe gufasha mu guhagarika ingwano basa n'abariko barabatera ubwoba. Ugutevya sibijanye n'ugusubizanya ubutegetsi vyimirije kuri uyu wa mbere rusama.
Tumenyeshe y'uko ivyo bibombe vyakomerekeje abantu batatu, inzu zishika ku munani zirabomoka.
Ku musi wa gatandatu mw'ijoro naho ivyo bibombe vyahitanye abantu batatu.
Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.