Uko wahagera

Mu Burundi Bemeje Integuro y'Itegeko Rihasha Ihonyabwoko - 2003-04-15


Inama nshingamateka y'Uburundi yaremeje kuwa kabiri integuro y'itegeko rihana rikongera rigahasha icaha c'ihonyabwoko n'ibindi vyaha bikorwa mu gihe c'ingwano.

Iyo nteguro yari ku kirangamisi c'ibibazo vyirwa mu nama nshingamateka mfatakibanza kuva mu bikorwa vyayo vyambere, ikaba yama igaruka mu birangamisi vyose vyamakoraniro yakurikiye kuko abashinamateka batari bwayumvikaneko.

Iyemezwa ry'iryo tegeko riri mu ngingo icegera c'umukuru w'igihugu Domicien Ndayizeye yiyemeje gushira mu ngiro mu gihe yoba umukuru w'igihugu c'Uburundi mfatakibanza mw'ibisikanya ritegekanijwe kuri uyu wa mbere rusama na Major Pierre Buyoya.

Iyo nteguro irategekanya ishingwa ry'umurwi w'Ubucamanza uzoba ujejwe gutohoza ivyaha vyakozwe kuva uburundi buronka intahe yo kwikukira muri 1962.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG