Uko wahagera

RCD Goma Iratinya Izindi Ntambara muri Congo - 2003-03-25


Umuhari RCD-Goma waramenyesheje y’uko utewe umutima uhagaze n’uko intambara zishobora gusubira kwaduka hagati yawo n’abasoda ba reta y’i Kinshasa.

Ivyo vyamenyeshejwe na Me Azarias Rubero aserukira uyo muhari mu karere ka kivu mu gihe yariko aragiriza ingabo za président Joseph Kabila wa Republika démocratiue ya Congo y’uko ziriko zirashikira mu karere aba RCD bacumbitsemwo.

Inkuru zatohojwe mu mpande zinyuranye ziremeza y’uko abasoda ba Joseph kabila badahengeshanya gushika mu karere ka Minembwe mu buseruko bw’ico gihugu baciye i Baraka na Fizi . Indege zishika 13 zikaba ari zo zimaze kuhashikira kuva kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante zikaba zizanana n’ibirwanisho bikomeye. Izo nkuru kandi zemeza y’uko abo basoda ba reta ya kinshasa bafatanye mu mugongo na ba mai mai, abahoze ari abasoda b’igihugu c’Urwanda ku ntwaro ya Juvenal Habyarimana ; interahamwe hamwe n’abarwanya ubutegetsi bw’i Bujumbura bo mu muhari wa CNDD-FDD.

Abategetsi ba RCD Goma muri ako karere ariko ntibadomako urutoki ishami abo ba CNDD-FDD bavamwo mu mashami amaze kwitandukanya y’uyo muhari.

Me Rubero Azarias yemeza y’uko amaze kugabisha umurwi w’ishirahamwe ONU MONUC ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo guhagarika ingwano yabereye i Sun City. Ariko akaba ata cizere afise c’uko hari ico ushobora gukora imbere y’uko intambarz zishobora kwaduka muri ako karere.

Tubamenyeshe y’uko umutware w’intara ya Minembwe akomoka mu muhari RCD –Goma Fidele Muragizi Bin Ndasonza ubu amaze guhunga kubera ko yibaza ko umutekano wiwe ugeramiwe.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG