Uko wahagera

Burundi:  Ishyirahamwe GVC Ririmo Gufasha muri Bujumbura Rurale - 2003-02-13


Ishirahamwe ry’abatariyano GVC rirafasha abakenyezi n’abana basinzikajwe n’inzara bivuye ku ntambara ihitiye mu ntara ya Bujumbura Rural .Iyo nzara iterwa n’uko abanyagihugu baho bataronka umwanya wo kurima kubera ukwama bahunga « Twarahunga.Twarondeye ivyokurya ngo dufungure, tukaza twumva ngo ng’ aho ng’ aho amasoro.Tugaca tubita naho tukiruka… «

Uyo mukenyezi yari amaze hafi ukwezi ari mu minwe yikigo centre de nutrition thérapeutique c’abagiraneza b’ishirahamwe GVC ry’abatariyano,aho yariko araronka imfumgurwa zomuremerema we n’umwana wiwe.

Iryo shirahamwe riratanga ingaburo igizwe n’amata, imisururu kugira ngo abo basinzikajwe n’ikigoyi basubire gutora akabiri .

Abakenyezi hamwze n’abana bakirwa muri ico kigo babanje gushikira mu bindi bibanza vyo biherereye muri Bujumbura Rural iryo shirahamwe risanzwe ritangiramwo imfashanyo y’ibifungurwa . Baza bararwaye kwashi, bonze,imishatsi yarabenje. Kenshi baba bafise n’izindi ngwara ziterwa n’ugufungura nabi nk’igituntu, ukubura amaraso akwiye n’izindi.

Ikindi gituma amagara yabo asinzikara gusumba n’uko benshi muri bo baza baranduye umugera w’ingwara ya sida. Abaforoma bo muri ico kigo ca centre de nutrition thérapeutique co mu Gatumba mu ntara ya Bujumbura Rural nyene bemeza y’uko ibice biri hagati ya 13 na 20 kw’ijana vy’abaza kuhafashirizwa baba baranduye umugera wa sida .



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG