Uko wahagera

Abajura Bateze Amatagisi 3 mu Cibitoke - 2003-01-06


Bujumbura; igenekerezo rya 6 nzero.

Imiduga itatu itwara abantu n'ibintu yaraguye mu mutego kuri uyu wa mbere mu gatondo. Ivyo vyabereye iBuganda mu ntara ya cibitoke (mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi).

Abajejwe umutekano bemeza y'uko uyo mutego wagizwe n'abagizi ba nabi.Uyo mutego wabereye neza na neza kuri transversale ya gatanu kw'ibarabara riva mu Rugombo rija i Bujumbura ku murwa mukuru.

Tumenyeshe y'uko abari muri iyo miduga bose bambuwe ivyo bari bafise,muri bo benshi bakaba bari abadandaza.

Mu bisanzwe ku misi ya mbere abadandaza batari bake bo mu ntara ya Cibitoke bahora bafata urugendo rubashikana i Bujumbura kurangura ibidandazwa bashira muri za Boutiques zabo.

Abapolisi bakeka y'uko ubwo bukozi bw'ikibi bwagizwe n'imiyabaga itagira ico ikora yo muri Komine ya Buganda.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG