Uko wahagera

FDD Yemeye Gushyira Intwaro Hasi - 2002-12-04


Mu birori vyabereye i Arusha muri Tanzania, umukuru w’umugwi ugwanya leta y’Uburundi, Pierre Nkurunziza yararamukanije na presida w’Uburundi Pierre Buyoya. Ayo masezerano ategerezwa gushigwa mu ngiro vy’ukuri imbere y’igenekerezo rya 30 ry’uku kwezi turimwo.

Abagwanya leta y’Uburundi bemeye gushira ibigwanisho hasi inyuma y’uko bemerewe kwinjizwa mu gwego gw’intwaramiheto z’Uburundi no mu zindi nzego z’igihugu.

Jan Van Eck, umuhinga mu bibazo vy’Uburundi, yaragabishije avuga kw’ayo masezerano atazotuma ingwano ihagarara, mu gihe umugwi FNL-Palipehutu nawo utemeye guhagarika ingwano.

Ariko Yoweri Museveni, presida w’Ubuganda, yarongoye ibirori vyi Arusha, yamenyesheje kw’abakuru b’ibihugu vyo mu karere bariko barategura ibihano bikomeye, bizotuma umugwi FNL wemera guhagarika ingwano.

Umugwi FNL uvuga kw’umuhuza wo muri Afrika y’Epfo afise aho yegamiye, ukongera ugasaba kw’inteko zo hanze ziva mu Burundi.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG