Uko wahagera

Washington Ishyigikiye Agahenge mu Burundi - 2002-12-04


Leta Zunzubumwe za Amerika nti zatanzwe mu gukeza Uburundi, inyuma y’uko amasezerano yo guhagarika ingwano ashizweko igikumu.

Umuvugizi wa Departement ya leta, Philip Reeker, yabariye abamenyeshamakuru kw’intambwe abarundi baraye bashitseko ikomeye.

Mu gushigikira ako kigoro ko kugarukana amahoro mu Burundi, leta Zunzubumwe za Amerika zemeye gutanga umuliyoni w’amadolari, azokoreshwa mu gufasha gushira mu ngiro ayo masezerano.

Amasezerano yaraye ashizweko igikumu na Presida Buyoya hamwe na Nkurunziza umukuru w’umugwi CNDD-FDD, azotangura gukora inyuma y’imisi itatu, hanyuma azobe yashizwe mu ngiro imbere y’impera z’uku kwezi turimwo.

Umuvugizi wa Departement ya leta Reeker yarashimagije umwete n’ubutwari bwa presida Buyoya n’umushingantahe Nkurunziza, bashoboye kwumvikana ku masezerano yo guhagarika ingwano.

Ariko yarongeye avuga ko ababajwe n’ukubona umugwi FNL waranse gushika ubu kwemera guhagarika ingwano.

Leta Zunzubumwe za Amerika zateye akamo umugambwe FNL, ziwusaba kwifatanya n’imigwi ya shize igikumu ku masezerano y’amahoro, mu kuronderera Uburundi amahoro n’umutekano, no kurongora abarundi mu nzira ya demokarasi.

Mu gihe bitogenda gutyo, umuvugizi Reeker avuga ko Amerika ishigikiye ingingo za presida Museveni, zo gufatira ibihano umugwi FNL-Palipehutu.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG