Uko wahagera

Ethiopia: Miriyoni 14 Barashonje Byo Gupfa - 2002-11-13


Ishirahamwe rijejwe ikigega c’ibifungugwa PAM ryateye akamo risabira igihugu ca Ethiopia imfashanyo y’imiliyoni 700 z’amadolari yo gukoresha mu mwaka uza. Iryo shirahamwe rivuga kw’abanya Ethiopia imiliyoni 14 bageramiwe na kigoyi.

Umuvugizi w’iryo shirahamwe, Christiane Berthiaume, yavuze kw’ikigega c’iryo shirahamwe gikeneye mu maguru masha imiliyoni 80 z’amadolari yo kugura imfasashanyo zizokoreshwa mu mezi atatu yimirije.

Umupfasoni Berthiaume avuga ko Ethiopia kidakeneye ibifungugwa gusa, ko gikeneye n’imfashanyo mu migambi y’iterambere.

Umupfasoni Berthiaume avuga ko mu myaka ibiri iheze amakungu yatanze imfashanyo yatumye Ethiopia kidasinzikazwa na kigoyi. Mur’ico gihe, ikigega c’ishirahamwe ryitaho ibibondo UNICEF catangaje kw’igice kirenga c’abanya Eritrea nabo bageramiwe na kigoyi.

Wivina Belmonte, umuvugizi wa UNICEF yavuze ko rikeneye ibihumbi 600 vy’amadolari, kugirango rishobore kugura imfashanyo z’ibifungugwa no kurangura imigambi y’indero muri Eritrea, gushika mu mpera z’uyu mwaka.

Uretse izo ngorane z’ibifungugwa, ishirahamwe UNICEF rivuga kw’amashule yo muri Eritrea arenga 100 yategerejwe kwugara kubera kubura amazi meza.

Shakira andi makuru y'Afurika hano.

XS
SM
MD
LG