Uko wahagera

Congo: Ibibazo Biracyari Insobe - 2002-11-13


Mu karere ko m’ubuseruko bwa Congo-Kinshasa, mu gisagara ca Goma, hari ikambi y’impunzi y’agateganyo, irimwo imisore irenga 20, ifise hagati y’imyaka 13 na 17.

Iyo misore iba mu mahema yo mur’iyo kambi, irindiriye umusi izoronka uburenganzira bwo gusubira mu miryango iwabo. Ugwo gwaruka rumaze imyaka ine k’urugamba, rukorana n’imigwi inyuranye y’abagwanya ubutegetsi bwi Kinshasa. Iyo ngwano yakoranije ibihugu bishika bitandatu, imaze guhitana abantu barenga imiliyoni zibiri.

Mur’abo bahungu barindiriye gutahuka iwabo, bamwe bagiye mu gisirikare k’ugushaka kwabo, bibaza ko ariho bobaho neza kurusha. Abandi nabo baranyurujwe bajanwa k’urugamba ku nguvu.

Umwe mur’abo bafashwe ku nguvu, umwana w’imyaka 15 yitwa Mboyo Wachodala, avuga ko umusi umwe yari atashe avuye kw’ishule, ahura n’abantu bitwaje ibigwanisho, hanyuma bamusaba kubatwaza imizigo yabo. Mu nyuma ngo baramuhindutse, bamubwira ko adashobora gusubira inyuma, ko ategerezwa kubafasha urugamba gwo gukura igihugu cabo mu minwe y’abanyamahanga bagiteye. Amasezerano yashitsweko hagati ya leta ya Congo-Kinshasa n’imigwi igwanya ubutegetsi, niyo yatumye Mboyo n’iyindi misore yo mu gihugu cose yemeregwa gushira ibigwanisho hasi igasubira m’ubuzima busanzwe. Imisore amajana n’amajana yo m’uburengero bwa Congo-Kinshasa, akarere gasa n’akarimwo umutekano yarasubiye iwabo.

Ariko abagiraneza bavuga ko Mboyo na bagenzi be bo mu karere ko m’ubuseruko bwa Congo-Kinshasa basigaje amezi n’amezi kugirango nabo batahuke iwabo. Ivyo bitegwa n’uko mur’ako karere barimwo umutekano utera wononekara aho kumera neza.

Robert Dekker arongoye ibikogwa vy’abagiraneza mu karere ka Goma, avuga ko kuva Urwanda n’Ubugandi bikuye abasirikare bavyo mur’ako karere, ibintu vyagiye biramera nabi kuko atabajejwe umutekano babasubiriye.

M’uburaruko bushira ubuseruko, k’urubibe Congo-Kinshasa bihana n’Ubuganda, ingwano z’amoko zimaze amezi atatu zitera zikomera, cane cane mu gisagara ca Ituri kigwiriyemwo ubutare. Abantu amajana n’amajana barahasize ubuzima, abandi bashika ibihumbi 40 barata izabo. Ako karere kari mu minwe y’abasirikare b’Ubuganda.

Raporo iheruka gusohogwa n’ishirahamwe ONU ivuga kw’izo ngwano zikomezwa n’abategetsi ba gisirikare b’igihugu c’Ubuganda, kugirango bagumeho kandi babandanye gusahura ubutare bwo mur’ako karere.

Abagiraneza bakorera mur’ako karere bavuze ko hari izindi nkuru zivuga ko imbere y’uko abasirikare b’Ubuganda bava m’uburaruko bushira ubuseruko bwa Congo-Kinshasa, basize bahaye ibigwanisho imigwi y’amoko yo mur’ako karere.

AbanyeCongo bamwe bibaza kw’abategetsi b’Ubuganda bafashe ingingo yo gukomeza umudugararo muri Congo-Kinshasa, kugirango baronke icitwazo co gusubira kurungika inteko mur’ako karere kagwiriyemwo ubutare.

Ariko Noble Mayombo, umukuru w’ibiro bijejwe iperereza m’ubushikiranganji bwo kwuvuna abansi mu Buganda, yariyamirije ivyo vyagirizo avuga ko ari ibinyoma. Ahubwo avuga ko Ubuganda bufise ugwandiko gwa ONU rubusaba kugumiza abasirikare babwo mur’ako karere, gushika habonetse inteko za ONU zibasubirira. Ku birometero 350, m’uburengero bw’igisagara ca Goma, mu karere ka Kindu, na ho umudugararo warakomeye inyuma y’uko abasirikare b’Urwanda bavuye mur’ako karere. Umugwi w’aba Mai Mai waciye utera umugwi Rally for Congolese Democracy-RCD Goma, wo mur’ako karere, ugwanya ubutegetsi bwi Kinshasa, kandi ushigikiwe n’igihugu c’Urwanda.

Mu gihe umugwi RCD goma uvuga kw’aba Mai Mai ari umugwi w’abicanyi n’ababandi bashigikiwe na leta yi Kinshasa, aba Mai Mai bo bavuga ko bagwanya abanyamahanga bateye igihugu cabo.

Moise Nyarugabo, umushikiranganji ajejwe ubutungane, akaba ari nawe presida w’umugwi RCD Goma, yavuze ko mu gihe presida Joseph Kabila yobandanya kurungika aba Mai Mai kubatera, bishobora gutuma umudugararo ukwira igihugu cose. Umugwi RCD Goma wagiriza presida Kabila ko yoba ariko aragerageza gufashanya n’imigwi y’aba Mai Mai hamwe n’interahamwe. Ariko presida Kabila ariyamiriza ivyo vyagirizo. Urusobangane gw’imigwi igwanya ubutegetsi hamwe n’abantu baba abo hagati mu gihugu canke hanze bashigikiye iyo migwi, nigwo rutuma umudugararo n’ubwicanyi bubandanya gukomera m’ubuseruko bwa Congo-Kinshasa.

Presida w’Urwanda Paul Kagame yaragabishije ko ashobora gusubira kurungika inteko ziwe muri Congo-Kinshasa, mu gihe imigwi ashigikiye yobandanya gutegwa. Ivyo bikavugwa mu gihe imisore yahora k’urugamba ariko yashize ibigwanisho hasi yari irindiriye kw’amahoro aboneka kugirango itahuke mu miryango.

Umusore Mboyo yahora k’urugamba avuga ko yagiye kugwana mu ngwano iteye ubwoba kandi abana badategerezwa kuja mu ngwano. Mur’iki gihe icipfuzo ciwe n’uko yosubira m’ubuzima busanzwe, akaba umwana nk’abandi akashobora kuja kw’ishule.


Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG