Uko wahagera

Congo: Ubusambo Bwakoze Ku Bategetsi - 2002-11-13


Perezida Joseph Kabila wa Repuburika Iharanira Demokarsi ya Congo yirukanye abegetsi bakuru benshi bakekwaho uruhare m’ugusahura ubukungu kamere bwa Congo.

Ihagarikwa mu kazi ry’abategetsi bakomeye bo muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo n’inkurikizi ya raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yagirije abo bategetsi ivyaha birimwo ubusuma, gusahura, ikoreshwa ry’amafranga ya leta ku nyungu zabo, n’ukudya ibiturire.

Iyo raporo y’ishirahamwe O-N-U, muri iki gihe iriko irihwezwa n’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe umutekano kw’isi.

Iyo raporo idoma urutoki ku mushikiranganji ajejwe umutekano w’igihugu wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, umushikiranganji ajejwe amabanga yo mu ngoro y’umukuru w’igihugu hamwe n’umukuru w’ibiro vy’igihugu bijejwe umutekano mu bari ku rutonde rw’abategetsi bagirizwa ko bakuye inyungu mu bucuruzi bw’amatungo afatiye ku butare butagira uko bungana bwo muri Congo mu kiringo c’ingwano imaze imyaka ine muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Igihugu ca Zimbabwe, cafashije leta ya Congo muri iyo ngwano, caradomweko urutoki muri iyo raporo y’ishirahamwe O-N-U, co kimwe na Uganda n’Urwanda bishigikiye abagwanya ubutegetsi muri Congo.

Inkuru zerekeye ingingo ya presida wa Congo, Joseph Kabila, z’uko yahagaritse mu kazi abo bategetsi bagirizwa ko basahuye amatungo afatiye ku butare muri Congo mu gihe c’ingwano, zatangajwe mw’ijoro ryo ku musi wa mbere ku mugwa mukuru wa Congo, Kinshasa. Ivyo vyaratangaje abanyecongo batari bake kubera abo bategetsi bari begeranye n’umukuru w’igihugu mu vyabonwako utawari gushobora kubakorako.

Havugwako umutegetsi w’igihugu ca Congo atanejerejwe n’ivyo yasomye muri raporo yasohowe n’ishirahamwe O-N-U, yavuze ido n’ido kw’isahugwa ry’amatungo ya Congo y’ubutare ryagizwe n’impande nka zose zagize uruhara mu ngwano yo muri Congo.


Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG