Uko wahagera

Kenya: Abakandida mu Matora ni Bande? Igice cya 1 - 2002-10-31


Amatora y’umukuru w’igihugu yimirije muri Kenya, azoba abaye ayagira gatatu umushingantahe Mwai Kibaki ahiganiye. Kandi kur’uwo mutama w’imyaka 71, ayo matora ashobora kuba ayanyuma.

Mu matora yo muri Kenya ategekanije kuba mu kwezi kwa cumi na kabiri, hazohiganwa umushingantahe Kibaki wo mu migambwe itavuga rumwe na leta hamwe na Uhuru Kenyatta umuhungu wa Jomo Kenyatta, presida wambere w’igihugu ca Kenya, azoserukira umugambwe KANU uri k’ubutegetsi.

Uhuru Kenyatta afise imyaka 41 y’amavuko. Abanya Kenya batari bake bavuga ko adakomeye cane mu vya politike. Ico arushije umutama Kibaki n’uko akiri muto kandi akaba aturuka m’umuryango uzwi kandi ukomeye.

Umutama Kibaki nawe arusha Uhuru Kenyatta kumenya ivya politike. Mw’ijambo Moody Awori, umugenzi wa Kibaki, yashikirije mu birori vyo gutora Kibaki ngo aserukire imigambwe itavuga rumwe na leta mu guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu, yavuze ko Kibaki yaranguye amabanga menshi akomeye, yatumye agira icubahiro gikomeye. Mu mabanga Kibaki yaranguye, harimwo kuba umushikiranganji ajejwe ikigega ca leta muri Kenya, ku ntwaro ya presida Jomo Kenyatta. Umushingantahe Awori avuga kw’igihugu ca Kenya cari m’ubutunzi butarasubira kuboneka gushika ubu, mu gihe umushingantahe Kibaki yari umushikiranganji w’ikigega ca leta.

Mwai Kibaki yarabaye kandi icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya, mu kiringo c’imyaka 10 y’ibihe bitari vyoroshe, ku ntwaro ya presida Daniel Arap Moi. Yakuwe mu mabanga yiwe mu 1988, kandi ico gihe nta nsiguro yatanzwe. Mu nyuma yahavuye ava m’umugambwe KANU uri k’ubutegetsi, yifatanya n’abatavuga rumwe na leta.

Mu matora yo mu 1997, Mwai Kibaki yaserukiye umugambwe Democratic Party mu guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu. Ico gihe, yabaye uwa kabiri inyuma ya Presida Moi. Mu matora y’imirije, bisa n’uko umushingantahe Kibaki ashobora kuronka amajwi menshi kuruta ubwa mbere kuko aserukira umugambwe National Rainbow Coalition, ugizwe n’urunani gw’imigambwe 14 itavuga rumwe na leta. Mu gihe ugwo runani gwoshobora kwumvisha abanywanyi bagwo ko bose bakwiye gutora umushingantahe Kibaki, yoca atsinda ayo matora ata nkomanzi. Buzoba bubaye ubwa mbere umugambwe KANU utsindwa, kuva igihugu ca Kenya cikukira haheze imyaka 39.

Macharia Gaitho, umwanditsi ku vya politike mu kinyamakuru Daily Nation co muri Kenya, yavuze ko yibaza ko mur’iki gihe Kibaki ariwe muntu aboneka kurusha abandi bazohiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu, mu matora yo muri Kenya ategekanijwe mu kwezi kw’icumi na kabiri kuza. Umushingantahe Gaitho avuga ko umugambwe KANU udashobora kwibagigwa ko ukomeye, ariko ibigaragara n’uko Kibaki ari imbere.

Ariko, umushingantahe Gaitho aragabisha avuga ko imigambwe itavuga rumwe na leta ifise ingorane zitoroshe ziyirindiriye. Avuga ko abanywanyi b’umugambwe Rainbow Coalition bashigikiye Mwai Kibaki bakwiye kumenya y’uko bitazokworoha kw’abategetsi b’imigambwe igize ugwo runani bumvikana ku muntu umwe mu bashingamateka bazoserukira intara imwimwe yose yo muri Kenya. Mu majambo umushingantahe Kibaki ashikiriza mw’ihiganwa, ashimikira k’umugambi wo kugwanya ruswa no gutunganya igihugu ca Kenya kigendera ku mategeko kuko mur’iki gihe ubutungane butubahirizwa bikwiye.

Ariko abazi ibintu n’ibindi bavuga ko Kibaki azotegerezwa gukora yivuye inyuma kugira ngo imigambi yiwe yo guhindura politike ya Kenya yemegwe.

Naho amasezerano yo mu 1997 asaba ko Radio y’igihugu muri Kenya itagira aho yegamiye mu biganiro vyayo, mur’iki gihe Kenya Broadcasting Corporation ntirya umunwa mu kumenyesha uwo ishigikiye mu matora yimirije. Ibiganiro iyo radio itangaza, vyerekana ko ishigikiye Uhuru Kenyatta. Abanya Kenya benshi nta yindi radio bumviriza, k’uburyo ku banya Kenya 10, 8 muri bo bumviriza Radio Kenya Broadcasting Corporation.

XS
SM
MD
LG