Uko wahagera

Igikorwa c’Ihiganwa mu Matora y’Igihugu Caratanguye


Mu Burundi, imigambwe mirongo ibiri n'itatu yiyandikishije ngo ihiganwe mu matora yo mu mwaka wi 2010 yaraye itanguye ibikorwa vy’ihiganwa ifadikanije n'abagize Inama Mpanuzwajambo ya Komine. Ayo matora ategekanijwe kw'igenekerezo rya mirongo ibiri na rimwe, muri uku kwezi kwa gatanu.

Abanyeporitike mu Burundi bari barindiranye igishika cinshi ico gihe. Kw’igenekerezo rya kane mu gatondo ca kare cane, mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura imiduga yambitswe ibiranga imigambwe itandukane yari umurengera, ivuza indirimbo zihayagiza iyo migambwe. Abanywanyi b'imigambwe bari bambaye imyambaro y'imigambwe bakomokamwo buzuye mu biduga bininibinini, amabisi n'amakamyo bita"FUSO, apakiwe bimwe vy'umurengera. Ivyo biduga vyaciye bifata urugendo, bigana mu ntara zitandukanye zo mu gihugu hagati. Umuduga w'umugambwe FNL wari ugiye muri ivyo bikorwa vyo kwiyamamaza waragize isanganya rihitana umuntu umwe n’abandi bane barakomeretse. Iryo sanganya ryabereye mw'ibarabara rija i Ngozi mu buraruko bw’Uburundi.

Mu bibanza vyinshi twaciyemwo mu gisagara ca Bujumbura, akazi nti kakozwe uko vyategerezwa, kuko abakozi, cane cane abategetsi, nti bitavye imirimo yabo. Umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yitavye ibikorwa vyo kwiyamamaza mu ntara ya Gitega, aho umugambwe CNDD-FDD akomokamwo watanguriye ico gikorwa. Ivyo bikorwa vyo kwiyamamaza bitanguye mu gihe imisore idasangiye imigambwe yari imaze imisi ishamiraniye mu ntara nyinshi zo hagati mu gihugu, hamwe mbere bakaba baratanye no mu mitwe.

Umukuru w'umugwi w'igihugu ujejwe gutegura amatora, Pierre Claver Ndayicariye, yasavye abajejwe umutekano kurikanura kugira ngo bashobore kubuza ke imigumuko yose ishobara kwaduka. Umugwi ujejwe gutegura amatora usaba kandi ko abiyamamaza n'abatiyamamaza batoshira isoni, ngo batukane canke basotorana, kuko ivyo vyotuma bashamirana. Pierre Claver Ndayicariye yavuze ati" Mwibuke ko mu gihe ukwiyamamaza n'amatora bizob vyaheze ntaho muzoshirana. Muzoguma mubana, murahuriranira umucanwa.

Mu ntumbero yo gufata imigambwe co kimwe, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye, Martin Nivyabandi, yategetse ko ata miduga n'ibindi bikoresho vya reta vyokoreshwa n'imigambwe mu kwiyamamaza. Nubwo muri rusangi amakenga yari menshi ku bijanye n'umutekano, kubera ukutihanganiranira kw'abadasangiye imigambwe, ku musi wa mbere w'ibikorwa vy’ihiganwa nta kugumuka canke gushamirana vyibonekeje.

Amaradiyo umunani yigenga, harimwo n'iradiyo y'igihugu, yagiye hamwe mu vyo bise "synergie des medias" m’ururimi gw’igifaransa, mu gutanganza iryo higanwa ry'imigambwe. Amatora yo mu makomine ategekanijwe kw'igenekerezo rya mirongo ibiri na rimwe z’uku kwezi. Ayo matora azokwerekana imigambwe ifise abanywanyi benshi mu gihugu, yongere yerekane intumbero y'amatora y'umukuru w'igihugu, ategekanijwe kw'igenekerezo rya mirongo ibiri n'umunani ukwezi kwa gatandatu.


XS
SM
MD
LG