Uko wahagera

Urwaruka rwa CNDD FDD na FRODEBU Rurashamiranye


Kur'uyu wa kane igenekerezo rya 29 ukwezi kwa kane, urwaruka rw'imigambwe CNDD-FDD na FRODEBU rwahatswe gutana mu mitwe mu ngoro nkuru y'umugambwe FRODEBU mu Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura. Urwaruka rwa CNDD-FDD bita "Imbonerakure ngo rwari ruriko rushaka guhagarika ku nguvu abantu bava i Nyamaboko muri komine Isare mu micungararo y'igisagara ca Bujumbura nk'uko bivugwa na Leonce Ngendakumana atwara umugambwe Sahwanya FRODEBU.

Ku bwa Leonce Ngendakumana, abo bantu ngo bahorwa ko bigishiriza umugambwe FRODEBU mu kurondera abanywanyi aho i Nyamaboko. Ariko mu kiganiro umukuru w'Imbonerakure yahaye Ijwi rya Amerika avuga ko abantu bariko bakurikiranwa bagirizwa kuba bariko bategura gukora ubwicanyi. Ati Imbonerakure zariko zikora igikorwa co guhagararira umutekano.

Umukuru w'umugambwe FRODEBU avuga ko bitumvikana ingene imisore ya CNDD-FDD ikora igikorwa c'abaporisi n'ubutungane. Ati iyo ngendo yo gutera ubwoba abatari mu mugambwe CNDD-FDD tugiye kuyirwanya twivuye inyuma. Ariko ntavuge ico bagiye gukora. Ugushamirana hagati y'imisore idasangiye imigambwe biramaze kwibonekeza mu ntara nyinshi z'igihugu, abatunganya amatora n'abanyagihugu bikabatera amakenga kubijanye n'umutekano w'amatora yimirije.


XS
SM
MD
LG