Uko wahagera

Umuvugizi w'Umugambwe Sahwanya-FRODEBU Yarahunze


Pancrace Cimpaye avugira umugambwe Sahwanya-FRODEBU yarahunze umutahe w'umushikirizamanza wa repuburika mu gisagara ca Bujumbura. Uwo mutegetsi yasaba ko Cimpaye afatwa akaregutswa imbere y'intahe kubera inkuru yanditse mu kinyamakuru "Aube de la democratie" cegamiye umugambwe FRODEBU utavuga rumwe na reta.

Inkuru akurikiranwa ko yasohotse mu mpera z'indwi irangiye, yerekeye igandagurwa, mu kwezi kwa kane kw'umwaka uheze, rya Ernest Manirumva, yahoze ari icegera c'umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, ryishinze kurwanya abarya ibiturire. Pancrace Cimpaye asanzwe yari umukuru w'ikinyamakuru "Aube de la democratie", yanditse avuga ko abamuhaye inkuru yizeye kandi ngo babibonye, bamubwiye ko umukuru w’iperereza, Adolphe Nshimirimana, icegera c'umukuru w'ugwego gw’abaporisi Ndirakobuca Gervais batazira Ndakugarika, David Nikiza komiseri yahoze atwara ugwego gw’abaporisi mu karere ko mu burengero bw'Uburundi, n'umuporisi majoro Desire Uwamahoro, bagiriye inama ashika hane, bategura kugandagura Manirumva, babicishije ku bazoshira mu ngiro ico caha, nabo bakaba ari abashoferi babo, abaporisi n'abasirikare babo batobato.

N'ubwo umuvugizi w'umugambwe FRODEBU avuga ko yahunze kw’igenekerezo rya 30, terefone yiwe yo mu Burundi 79 922352 ibandanya ikora. Yabwiye ijwi rya Amerika kuri terefone ko yahunze ahawe inkuru n'abantu begereye ibiro bijejwe iperereza, bamubariye ko agiye gufatwa kandi ko ashobora kuhasiga ubuzi. Kw’igenekerezo rya 31 ry’uku kwezi kwa gatatu, Umuvugizi w'ibiro bijewe iperereza yabwiye abamenyeshamakuru kw'iradiyo Isanganiro ko ivyo Pancrace Cimpaye yanditse atafatiro bifise, n'ubwo umushikirizamanza mukuru wa repuburika ari mu bakurikirana itohoza rya Ernest Manirumva. Ariko arongera akavuga ko atawovuga ko ivyanditswe vyose ari ibinyoma.


XS
SM
MD
LG