Umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi utangaza ko udafise amafaranga akwiye yo kuringaniza amatora atanu ategekanywa mur'uyu mwaka w'i 2010. Prosper Ntahogwamiye, ajejwe kumenyesha amakuru mu mugwi CENI ujejwe gutegura amatora, yabwiye Ijwi rya Amerika ko hamaze kuboneka amafaranga ashobora gutunganya amatora abiri gusa. N’ukuvuga amatora y’abahanuzwajambo ba komine, n'ay’umukuru w'igihugu.
Umugwi CENI wateye akamo abasanzwe bafasha Uburundi ngo batange imfashanyo y’amafaranga yo gutegura amatora yose ategekanijwe uyu mwaka. Amafaranga akenewe arenga imiriyoni mirongo ine n'icenda z'amadorari y'Abanyamerika. Ku wa gatatu igenekerezo rya 24, igihugu c’Ububirigi caciye gitanganza ko congereje imfashanyo cemereye Uburundi mu bijanye n'amatora.
Abashingamateka b’Ububirigi bamaze imisi bagendera Uburundi, bamenyesheje ko iyo mfashanyo y'Ububirigi igiye kugwizwa na kabiri. Izova ku miriyoni zibiri z'amafaranga y'ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya, ije ku miriyoni zine. Abo bashingamateka b'Ububirigi bari mu Burundi gusaba abanyeporitike ngo mu kiringo c'amatora bazokwubahane, bakomeze amahoro, hanyuma bubahirize n’agateka ka zina muntu.
Ububirigi bwiyemeje kandi kurungika umugwi w'abantu bazocungera ingene amatora azogenda. Uburundi busaba amakungu imfashanyo y’ibice birenga mirongo icenda kw'ijana vy'amafaranga akenewe mu gutegura amatora.