Uko wahagera

Tanzania Kigiye Gukura Viza ku Barundi


Umushikiranganji wa Tanzania ajejwe ibibazo vyo mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika, Deodoris Kamala, ariko aragendera Uburundi. Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 17, ukwezi kwa gatatu, yatangaje ko igihugu ciwe kigiye gukura amadorari mirongo ibiri Abarundi bahora batanga kugira ngo baronke uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ca Tanzania. Deodoris Kamala yari aherekejwe n'abagwizatunga bo muri Tanzania ahanini bakorera ku kivuko c'i Dar-Es-Salaam.

Uwo mushikiranganji wa Tanzania yamenyesheje kandi ko reta ya Tanzania igiye guha reta y'Uburundi ikibanza ku kivuko ca Mombasa, nk'uko bikorerwa ibindi bihugu vyo mw'ishirahamwe ryo mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika - EAC. Igihugu ca Tanzania ciyemeje kandi kworohereza abagwizatunga b'Abarundi mu gukura inzitizi z’ibituro vyinshi vyo ku mabarabara, zahora zituma bagenda barahagarara.

Hafsa Mossi, umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika, yarashimye izo ngingo za reta ya Tanzania. Reta y'Uburundi yari imaze imyaka ibiri yarakuye amafaranga asabwa Abanyatanzania binjira mu Burundi.

XS
SM
MD
LG